Ukraine: 'ntihagire ikindi mugurira muri Russia kiretse umwavu n’ingano' - niko US igabisha Africa

Ahavuye isanamu, @KagutaMuseveni
Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe ONU yaragendeye ibihugu vya Afrika, kimwe mu vya mugenza, kwari ukugabisha ko bitohirahira ngo bigurire ikintu kindi mu Burusiya kiretse intete n’umwavu, anagabisha ko bishobora gufatirwa ibihano.
Mu kiganiro n’abanyamakuru i Kampala muri Uganda, Linda Thomas-Greenfield yavuze ati: “Uburusiya bwama buvuga ngo ibihano bwafatiwe ku mfungurwa no ku bindi bifitaniye isano n’uburimyi vyatumye ibiciro biduga mu bihugu bitari bike. [...] Nagomba kumenyesha ko ata bihano twafatiwe ibintu ivyo ari vyo vyose vy’uburimyi biva mu Burusiya.
“Uburusiya burashobora gushora hanze ibidandazwa vyabwo vyo mu gisata c’uburimyi, harimwo umwavu n’ingano, kandi n’ibindi bihugu birashobora kubigura”.
“Nayo ku bihano vyafatiwe Uburusiya”, niko Linda Thomas-Greenfield abandanya avuga, “nk’akarorero ku bitoro, mu gihe igihugu cofata ingingo yo gukorana n’Uburusiya mu bisata bwafatiwemwo ibihano, aho coba gihonyanze ibi bihano[…]. Aha rero tugabisha ibihugu ko bitohirahira ngo birenge kuri ibi bihano”.
Ibihugu hafi vyose vya Afrika bishima kutegamira kuri Ukraine muri ino ntambara yayo n’Uburusiya. Ibi mu bisanzwe bisigurwa n’ukutagirira icizere Uburengero, imyaka vyamaze mu bukoloni, be n’impuhwe z’incabwenge mu bihugu bitari bike vya Afrika zize mu Burusiya.
Aho nyene, ibihugu bimwe bimwe vya Afrika ni abakiriya bakomeye b’intete za Ukraine, bakaba bahanzwe n’ikibazo c’ubukene bw’imfungurwa kigenda ciyongera.
Ni mu gihe ku rubuga, intambara zibandanya ziha inkumbi muri Ukraine.
Mu turere tw’intara ya Donetsk tugenzurwa na Ukraine, abasivire batanu baraye bishwe n’ingabo z’Uburusiya, nk’uko bivugwa n’umukuru wa gisirikare muri Donetsk Pavel Kirilenko.
Yanditse ku rubuga rwa Telegram ati: "Kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro (5), Abarusiya bishe abasivire batanu ba Donbass. Abandi 14 barakomeretse”.
Ni mu gihe hari amakuru avuga ko hari igice kigira kabiri c’imfashanyo Amerika iha Ukraine gifise agaciro k’umuriyaridi umwe cimirije gutangwa.
Isoko ryabwiye Reuters ko ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika mu ndwi iza - ari nko ku wa mbere – bizotangaza iyindi mfashanyo ingana n’umuriyaridi w’amadorari y’abanyamerika izorungikirwa Ukraine.
Muri ino mfashanyo harimwo ibisasu vya za muzinga zitera ibisasu vyinshi, zizwi nka HIMARS, ibirwanisho vyo gukorora indege vyo mu bwoko bwa NASAMS, hamwe n’ibimodoka ntamenwa vyo m ugisata c’ubuvuzi, bizwi nka 50 M113.
Perezida Joe Biden ntaratera igikumu kuri uru rupapuro, bikaba bishoboka ko ibigize iyi mfashanyo, ibi navyo bikaba ari ibitigiri hamwe n’ubwoko bw’ibirwanisho, bishobora guhinduka.
Mu gihe Biden yoterako igikumu, iyi yoba ari yo mfashanyo nini cane itangiwe icarimwe ihabwa Ukraine kuva intambara itanguye.
Amerika imaze kurungikira Ukraine imfashanyo y’agaciro k’imiriyaridi 8.8 igizwe n’ibirwanisho n’ibindi vya nkenerwa.
Maison Blanche/White House yanse kugira ico ishikirije ku vyerekeye iyi mfashanyo yimirije.










