Abatembagaje ubutegetsi muri Niger bategetse igisirikare 'kuryamira amajanja' mu kwitegurira ibitero

Abatembagaje ubutegetsi muri Niger bategetse ingabo "kuryamira amajanja", bavuga ko hashobora kuba ibitero.

Abo bategetsi ba gisirikare bavuga ko ari ugushaka ko abasirikare bivuna bikwiye mu gihe cose hoba igitero.

Jen Abdouramane Tchiani, arongoye abatembagaje ubutegetsi, yavuze ko Niger idashaka intambara, ariko ko izivuna uwo wese azoza kuyitera avuye hanze.

Yarashize umukono ku masezerano n'abasirikare bagenzi we bo mu bihugu vya Mali na Burkina Faso yo kuza gutabara ico gihugu igihe hoba ibitero.

Yagabishije ati:"Mu gihe hoba ibitero kuri twebwe, abantuntibibaze ko kuzoba ari nko kwitembereza mu murima."

Ishirahamwe ry'ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo mu burengero, CEDEAO/ECOWAS, rimaze igihe rikoresha inzira y'ibiganiro mu kugondoza abafashe ubutegetsi kubusubiza, ariko rikavuga ko ryiteguye gukoresha inguvu nk'inyishu ya nyuma.

Utwo twigoro turashigikiwe na Reta zunze Ubumwe za Amerika n'Ubufaransa, ivyo bihugu vyose bikaba bifise amakambi ya gisirikare muri Niger.

Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'amakungu ajejwe ibibazo vya Afrika, Molly Phee, yari muri Nigeria, aho yabonanye n'abategetsi ba CEDEAO, rukaba ari rwo rugendo rwa mbere agize mu bihugu bitatu harimwo Tchad na Ghana.

Ku musi wa gatanu, umushikiranganji w'imigenderanire yashizweho n'abasirikare batembagaje ubutegetsi, yahaye uwuserukira Ubufaransa murI ico gihugu ca Niger Sylvain Itte, amasaha 48 ngo abe yavuye muri ico gihugu, yagiriza ico gihigu cahora gikoronije Niger gukora ibinyuranye n'inyungu zaco.

Muri ico gihe nyene, abantu ibihumbi n'ibihumbi bashigikiye itembagazwa ry'ubutegetsi bwa prezida Mohammed Bazoum barihereje amabarabara ku mugwa mukuru Niamey ku musi wa gatandatu, bafise amabendera ya Niger, Algeria n'Uburusiya, ari na ko biyamiriza Ubufaransa, nk'uko bivugwa na Al Jazeera.

Mu ndwi iheze, Gen Tchiani yiyemeje gusubiza ubutegetsi mu minwe y'abasivile mu kiringo c'imyaka itatu.

CEDEAO yaranse kwemera ico kiringo, ivuga ko ari agasomborotso. Intumwa z'abakuru b'amadini zo muri Nigeria zararungitswe na CEDEAO muri Niger kugiriranira ibiganiro vy'amahoro n'abatembagaje ubutegetsi.