Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Niger: Agatsiko ka gisirikare katangaje gahunda y'inzibacyuho y'imyaka itatu
- Umwanditsi, Chris Ewokor
- Igikorwa, BBC News i Abuja muri Nigeria
Umukuru w'gatsiko ka gisirikare kahiritse ubutegetsi muri Niger, Jenerali Abdourahamane Tchiani, yatangaje gahunda y'inzibacyuho (imfatakibanza mu Kirundi) y'imyaka itatu muri icyo gihugu.
Mu ijambo ryanyuze kuri televiziyo y'igihugu, Gen Tchiani yavuze ko Niger idashaka intambara ariko aburira ko iki gihugu cyakwirwanaho ku gikorwa icyo ari cyo cyose amahanga yakora.
Ku itariki ya 26 y'ukwezi gushize kwa Nyakanga (7) ni bwo ako gatsiko kahiritse Perezida Mohamed Bazoum, watowe muri demokarasi mu 2021.
Kuva icyo gihe Bazoum afungishijwe ijisho mu nyubako ya perezida mu murwa mukuru Niamey.
Gen Tchiani atangaje ibi nyuma yuko ku wa gatandatu abahuza bo mu muryango w'ibihugu byo muri Afurika y'uburengerazuba (CEDEAO/ECOWAS) bahageze mu biganiro by'amahoro – mu kugerageza kwa nyuma kwo kugera ku muti unyuze mu nzira ya diplomasi.
CEDEAO yumvikanishije ko umutwe w'ingabo zo gutabara aho rukomeye witeguye kujya muri Niger.
Mu gisa nk'ukundi kudakurikiza ibyo CEDEAO isaba, Gen Tchiani yatangaje iyo gahunda y'ubutegetsi bw'inzibacyuho y'imyaka itatu muri Niger.
Yaburiye ko igikorwa cya gisirikare cyakorwa kuri Niger kitakoroha, ati: "Turamutse tugabweho igitero, ntabwo bizaba ari nko kwitemberera muri pariki nkuko abantu bamwe basa nkaho ari ko bibwira".
CEDEAO yakomeje kuburira ko izakora igikorwa cya gisirikare niba umuhate wo mu rwego rwa diplomasi unaniwe gucyemura ikibazo cya politiki muri Niger. Ariko CEDEAO ntiyasobanuye gahunda nyirizina yayo.
Intumwa za CEDEAO zanahuye by'igihe gito na Perezida wahiritswe Bazoum.
Itangazo rya Gen Tchiani rihuriranye n'igikorwa cyo gushishikariza abantu kwinjira mu gisirikare.
Abantu babarirwa mu magana, biganjemo abasore, biyandikishije ngo bajye mu mutwe w'abakorerabushake bo kurwana kuri Niger, mu gihe muri iki gihugu haba habaye igikorwa cya gisirikare cy'amahanga.