Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatembagaje ubutegetsi muri Niger bahaye amasaha 48 uwuserukira Ubufaransa muri ico gihugu ngo akure meza
Abatembagaje ubutegetsi muri Niger bahaye amasaha 48 Sylvain Itte aserukira Ubufaransa muri ico gihugu ngo abe yakuye meza mu gihe imigenderanire hagati y'ivyo bihugu iguma iba mibi gusumba.
Abo bategetsi bagiriza Itte ko yanse kwitaba ubutumire bwo guhura n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Niger.
Ubufaransa, bwahoze butwara Niger, bwavuze " abo bantu nta bubasha" bafise bwo kwirukana uwuserukira igihugu ciwe.
Ubufaransa bwariyamirije kudeta yo mu kwezi kw'indwi, busaba ko prezida yakuwe ku butegetsi Mohammed Bazoum ategerezwa kubusubizwako.
Iyirukanwa rya Sylvain Itte ryamenyeshejwe n'umushikiranganji wa Niger ajejwe imigenderanire kw'izina ry'umugwi w'abasirikare watembagaje ubutegetsi.
Ubushikiranganji bw'Ubufaransa bujejwe imigenderanire bwishuye buvuga ko "bwafashe nka nkama ingingo y'abagumutsi", nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.
Ubwo bushikiranganji bwongeyeko "abagwanya ubutegetsi ata burenganzira bafise bwo gufata iyo ngingo, abaserukira ibihugu vyabo bemezwa n'ubutegetsi bwatowe muri Niger".
Ku musi wa gatatu, ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (AU) ryashize ahabona ihagarikwa vy'agateganyo rya Niger muri iryo shirahamwe inyuma ya Video ya Wagner.
Iryo shirahamwe ryinubiye ukwivanga uko ari ko kose musi Niger kw'abantu bo hanze ya Afrika, harimwo n'amashirahamwe ya gisirikare atari aya reta.
Hagati aho, abagaba b'ingabo bo mu bihugu bigize ishirahamwe ry'ubutunzi ry'ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika (CEDEAO/ECOWAS) babandanya imibonano yo gutegura igitero ca gisirikare muri Niger mu gihe inzira y'ibiganiro yoba itagishobotse kuzana inyishu irama.