DRC: CENI yafuse ivyavuye mu matora mu turere tumwe tumwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Laillah Mohammed
- Igikorwa, BBC Swahili
Akanama kajejwe gutegura amatora muri Republika ya Demokrasi ya Congo, CENI, kafuse ivyavuye mu matora mu turere tumwe tumwe bivuye ku bimenyetso kabonye vyerekana ko amatora atakurikije amategeko.
Iyo nkuru yamenyekanye ku musi wa gatanu, mu gihe CENI ivuga ko ivyegeranyo vy'amatohoza yakozwe vyerekana ko mu matora y'abashingamateka benshi mu bahiganirwa ivyo bibanza bagiye mu busuma, kubera ivyo, intsinzi yabo ikaba yabaye impfabusa.
Intsinzi y'abashingamateka bashika 80 yabaye impfabusa mu turere twa Kwilu, Yokama, Ubangi na Equateur.
CENI kandi yavuze ko amatohoza yakozwe n'abakozi b'ayo yabonye ko habaye ukurenga ku mategeko agenga amatora hamwe no guhungabanya umutekano hamwe hamwe muri utwo turere.
Umwe mu bategetsi ba CENI, Patricia Nyeasa agira ati:"Akana kajejwe gutegura amatora CENI karabandanya kwakira ivyegeranyo vy'ibintu vy'abanyagihugu vyononekaye co kimwe n'ibikoresho vy'amatora, ibivugwa ko abantu ku giti cabo bari bafise ibikoresho vya 'electronic' bakoresha mu gutora hamwe n'ibitero ku bakozi ba CENI."
CENI kandi ivuga ko iriko iragira amatohoza ku bakozi bayo bagize uruhara mu kurenga ku mategeko agenga amatora muri Congo.
Mu gihe ako kanama kajejwe amatora kakibandanya amatohoza, ivyerekeye abagizweko ingaruka n'ayo matora biri mu minwe y'abajejwe umutekano hamwe n'ubutngane, aho vyitezwe ko hagiye kuba abashikanwa imbere y'intahe.
Hagati aho, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro irabandanya kwumviriza urubanza rwo guhakana ivyavuye mu matora yo kw'itariki 20 z'ukwezi kwa Kigarama (12) mu 2023, rwashinzwe na Theodore Ngoy, yitoza ku giti ciwe mu matora ya prezida.













