Biden ararahira akarengwa ko atarota arekura, yiyama abamusaba gukinjura

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
- Igikorwa, BBC News, Washington
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ariyamiriza abamunegura kubera imyaka yiwe, akizeza abanywanyi biwe ko ategerezwa gutsinda amatora yo muri Munyonyo (11), ni inyuma yo kuvyifamwo nabi mu kiganiro c'impari giheruka, ivyatumye abatari bake baterwa n'impungenge.
"Mvugishije ukuri, ndazi ko ntakiri muto", niko yabwiye abari mw'ikoraniro ryo ku wa gatanu muri Caroline du Nord, umusi umwe inyuma y'ikiganiro c'impari yagiranye n'umukeba wiwe w'Umurepubulika, Donald Trump, bikaba bitamworoheye.
Ati: "Ndazi ko ntagitambuka norohewe nk'uko nahora meze...kandi ndazi ko ntagiharira nk'uko nahora meze. Ariko ndazi ico nzi, ndazi ingene mvuga ukuri [kandi] ndazi ingene ntegerezwa gukora aka kazi".
Biden w'imyaka 81 avuga ko yizeye n'umutima wiwe wose ko ashobora kurongora Amerika mu kindi kiringo, mu gihe isinzi ryamushimagiza i Raleigh ryatera akamo ngo “iyindi myaka ine”.
Mu gihe ibibazo ku myaka ya Biden atari bishasha, ingene yavyifashemwo nabi muri iki kiganiro c'impari - mu gucikwa n'amajambo, ijwi rijagaraye rimwe na rimwe agatanga inyishu zidatonze neza - vyateje ubwoba bwinshi mu banywanyi bamwe bamwe b'aba-Democrats baciye batangura kubona ko atari akwiye kubaserukira mu matora y'umukuru w'igihugu.
Abajejwe imyiyamamazo ya Biden babandanya bashimangira ko uno mukuru w'igihugu wa mbere ashaje muri kahise ka Amerika agishoboye kurongora ikindi kiringo. Bavuga ko adashobora gukinjura kugira ngo haze uwundi yokwiyamamaza nubwo yananiwe muri ico kiganiro.
"Oya, ntibishoboka", niko Mia Ehrenberg, umuvugizi w'umurwi ujejwe imyiyamamazo ya Biden, avuga, mu kwishura ibibazo vy'abashaka kumenya nimba Biden ashobora kuva mw'ihiganwa.
Mu gihe kandi abatari bake mu bahagarariye imyiyamamazo yiwe - harimwo icegera ciwe Kamala Harris - bemera mu biganiro bagiranye n'abanyamakuru ko umukuru w'igihugu vyamugoye muri ico kiyago c'impari, bashimangira ko bashigikiye uno mutama arongoye igihugu kandi bakerekana neza ko inyishu ziwe zari zitomoye gusumba iza Trump.
Mu gitondo cakurikiye iki kiganiro, Mitch Landrieu ari mu barongoye imyiyamamazo, yabwiye CNN ati: "Umukuru w'igihugu afise kuba yaratsinzwe ufatiye ku mforo, ariko yaratsinze mu kuvuga ukuri kw'ibintu, yaratsinze ku bijanye n'inyifato, yaratsinze kandi ku vyiyumviro abantu bafata ko ari ngombwa muri iki gihugu".
Barack Obama yahoze ari umukuru w'ico gihugu, akaba n'ubu ari mu bantu bakunzwe cane muri uwo mugambwe, yacishije ubutumwa kuri X (yahoze yitwa Twitter) avuga ko "bishika amajoro y'ibiganiro vy'impari ntabe meza".
"Aya matora aracari uguhitamwo hagati y'umuntu yamye arwanira abanyagihugu babayabaye ubuzima bwiwe bwose, n'umuntu yitaho ubuzima bwiwe gusa", niko Obama yanditse, aho yongerako ko Trump ari "umuntu abesha mu majambo yiwe mu kurwanira inyungu ziwe".
Ariko ubwoba mu mugambwe w'aba-Democrats ntiburiko burahera vuba.
Abategetsi b'uno mugambwe, abanyacubahiro n'abantu begereye umukuru w'igihugu bavuganye n'umunyamakuru wa BBC Katty Kay berekana ishusho y'umugambwe wuzuye amaganya kubera impungenge bafise ku bushobozi bw'uyo bashize imbere ngo abaserukire mu matora.
Nancy Pelosi yahoze arongoye inama nshingamateka avuga ko "uravye ingene yavyitwayemwo ntivyari bishemeye". Eka n'abandi ba Democrats nka Kate Bedingfield yahoze avugira Biden, bavuga ko cari "ikiganiro kibi cane".
Abasanzwe baha uburyo umugambwe w'aba-Democratic bavuganye n'ibinyamakuru bitari bike ariko batashatse ko amazina yabo amenyekana ntibarya umunwa, aho umwe avuga ko ico kiganiro "camukuye mw'ihiganwa".
Ku wa gatanu, abarongoye uruganda rwo kwegeranya amakuru mu kinyamakuru New York Times bateye akamo Biden gukuramwo akarenge.
Bavuga ko aba-Democrats bari bakwiye "kwemera ko Biden adashoboye kubandanya ihiganwa, hanyuma bagatangura kurondera ingene bogena uwundi ashobora kumusubirira".
Hagati aho, Trump yakoresheje ikoraniro ryiwe muri Virginia inyuma y'amasaha makeya, aho yishimiye "intsinzi ikomeye" muri ico kiganiro, ikoraniro CNN ivuga ko ryakurikiranywe n'abantu imiriyoni 48 ku mboneshakure n'izindi miriyoni ku mbuga ngurukanabumenyi.
Trump w'imyaka 78 avuga ati: "Ingorane ya Joe Biden si imyaka yiwe. Ni ikibazo c'ubushobozi bwiwe. Nta bushobozi na bukeya afise".
Uno yahoze ari umukuru w'igihugu ntiyemera ibivugwa ko Biden yova mw'ihiganwa, akavuga ko "ahagaze neza mu biharuro ngereranyo" gusumba abandi ba-Democrats, harimwo Buramatari wa California Gavin Newsom n'icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris.
Nubwo bamwe mu banyamakuru bakomeye berekana amakenga, ibimenyetso vya mbere vyerekana ko atacahindutse mu biharuro ngereranyo inyuma y'ico kiganiro c'impari, nk'uko bumunyamakuru wa Washington Post Philip Bump yabibwiye ikiganiro Today ca Radio 4 ya BBC.
Muri iki kiganiro, Frank Luntz yegeranya ibiharuro ngereranyo yavuze ko bishobora kudahindura ikintu kinini mu vyipfuzo vy'abatora - na rirya gihe Abanyamerika hafi bose bamaze gufata ingingo ku muntu bazotora mu matora ategekanijwe mu mpera z'uno mwaka.
Ni mu gihe ibiharuro ngereranyo vy'ibanze vyerekana ko Abanyamerika bafata ko Trump ari we azotsinda.
Gushika hasohotse ibindi biharuro ngereranyo, igikorwa co kwereganya uburyo gishobora kuba ikindi kimenyetso kizokwerekana ko koko abantu bacizigiye Biden ko yobaserukira mu matora - ari nka hamwe hogira igihinduka gikomeye bishobora kuba ikibazo ku ba-Democrats.
Mu gisa n'akigoro ko kwerekana ko ata cahindutse, abajejwe imyiyamamazo ya Biden bavuga ko umukuru w'igihugu yegeranije imiriyoni 14 z'amadorari y'Abanyamerika mu misi iheze.
Nayo mu kiganiro c'impari co ku mugoroba wo ku wa kane, bavuga ko Biden yashoboye kwegeranya imiriyoni zirenga 27 zigenewe imyiyamamazo yiwe
Ejo ku wa gatandatu, Biden yabonanye kandi n'abandi basanzwe batanga uburyo. yari yategekanije kubonana n'abatanga uburyo mu karere ka Hamptons k'intara ya New York hamwe no mu karere ka Redbank mu ntara ya New Jersey.













