Donald Trump avuga ko yohimiriza Uburusiya gutera ibihugu vya OTAN bidatanga intererano yavyo

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na James FitzGerald
- Igikorwa, BBC News
Donald Trump avuga ko yotera intege Uburusiya gutera igihugu ico ari co cose ca OTAN/NATO conanirwa no gutanga intererano yaco muri uru runani rwa gisirikare ruhurikiyemwo ibihugu vy’Uburengero.
Avuga ko igihe kimwe yabwiye umukuru wa OTAN ko adashobora gutabara igihugu kidatanga intererano yaco ari nka hamwe coramuka gitewe n’Uburusiya, kandi ko ahubwo yobutera “intege zo gukora ico bushaka”.
Ibihugu bihurikiye muri OTAN vyiyemeza gutabarana mu gihe hoba igihugu ico ari co cose c’uru runani coramuka gitewe.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika Maison Blanche/White House bivuga ko ano majambo ari “akaga kandi y’ubusazi”.
Mw’ijambo yashikirije ari mu myiyamamazo ejo ku wa gatandatu muri Caroline du Sud, Trump yavuze ko yashikirije ano majambo ku Burusiya mu gihe yari mu nama n’abategetsi b’ibihugu vya OTAN.
Yariko avuga ku kiyago yagiriraniye n’indongozi “y’igihugu rutura” atadomyeko urutoke yamubajije ku kintu gishobora gushika ari nka hamwe iki gihugu coramuka kinaniwe no kuriha amafaranga gitegerezwa kuriha muri OTAN hanyuma bigashika kigaterwa n’Uburusiya.
Trump avuga ko ino ndongozi yamubajije nimba Reta Zunze Ubumwe za Amerika zotabara igihugu ciwe ari nka hamwe ivyo vyoshika, akaba yaciye amwamirira kure.
Trump ati: "Navuze nti: 'Utarishe? Uteza akajagari?'... 'Oya, sinogutabara, ahubwo nobatera intege gukora ico bashaka. Utegerezwa kuriha'".
Umuvugizi wa Maison Blanche avuga ko uno yahoze arongoye iki gihugu ariko "arakokeza ibitero vy’ibihugu vy’abicanyi ku bihugu vy’incuti zacu", akavuga ko aya majambo ari "akaga kandi y’ubusazi".
Yongerako kandi ko iri jambo "rishira mu kaga umutekano wa Amerika, umutekano w’isi yose hamwe n’ubutunzi bwacu".
Trump, asanzwe ahabwa amahirwe menshi yo kuzokwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’umugambwe w’Abarepubulika mu matora ategekanijwe uno mwaka, kuva kera yamye anegura OTAN, akabona ko ari umuzigo urenze urugero wikorewe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika wo gukingira ibindi bihugu 30.
Uburusiya bwatanguje intambara yabwo kuri Ukraine mu ntango za 2022, inyuma y’aho Trump aviriye ku butegetsi. Kuva ico gihe, yagumye yiyamiriza amahera Amerika irungikira Ukraine, igihugu kitari muri OTAN.
Amerika ni yo imaze guha Ukraine imfashanyo nini y’amahera gusumba ibindi bihugu vyose – arenga imiriyaridi 44 z’amadorari y’Abanyamerika kuva mu 2022, nk’uko bibi mu biharuro vya Maison Blanche vyo kuri Kigarama (12) 2023.
Hagati aho, Abarepubulika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka barazibiye iyindi mfashanyo mu mwaka uheze, basaba ko hobanza kuba umwumvikano ku ngingo ruhasha zo kuzibira abinjira muri Amerika baciye ku mupaka wo mu bumanuko, mbere no mu ntango z’ino ndwi bakaba bariyamirije iyi nteguro yari yahinyanyuwe.
Muri ino myiyamamazo y’ejo ku wa gatandatu, Trump yerekanye ingene yishimiye iyi ngingo y’abashingamateka, avuga ko ibisabwa na Perezida Biden ari “ibara”.
Ubu, ibi bibazo bibiri vyaratandukanijwe, bisigura ko abakenguzamateka ubu bashobora guharira kuri ino mfashanyo y’amahera ukwayo.













