Trump asaba ko US yokwitaho umutekano w'amashure imbere ya Ukraine

Trump mu nama i Houston

Uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump atera akamo abashingamateka b'iki gihugu kwitaho gushira amafaranga mu mutekano w'amashure hakurungika imfashanyo ya gisirikare muri Ukraine.

Mw'ijambo yashikirije mu nama ihuza abashigikiye itegeko riha uburenganzira abanyagihugu gutunga inkoho, Trump ntabona ukungene Amerika "ishobora kuba ifise imiriyaridi 40 z'amadorari yo kurungikira Ukraine" ariko ikaba idashobora gukingira umutekano w'amashure.

Inama y'ishirahamwe ryishinze gukingira itegeko riha uburenganzira abanyagihugu gutunga inkoho, National Rifle Association (NRA), iriko ibera i Houston.

Avuze aya majambo inyuma y'imisi mike abantu 21, harimwo abana 19, biciwe mu gitero c'umusore yitwaje inkoho kw'ishure rimwe ryo muri Texas.

Mw'iri jambo yashikirije nijoro ku wa gatanu agakomerwa amashi menshi cane, Trump avuga ati: "Imbere y'uko tuza kwubaka ibindi bihugu kw'isi, twategerezwa kubanza kwubakira abana bacu amashure atekanye mu gihugu cacu".

Mu ntango z'uku kwezi, inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika (Congrès/Congress) zaremeje ku rugero runini imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine ingana hafi n'imiriyaridi 40 z'amadorari y'abanyamerika. Yose hamwe, abashingamateka n'abakenguzamateka bamaze kurungika imiriyaridi 54 z'amadorari y'abanyamerika muri Ukraine kuva Uburusiya buteye iki gihugu mu kwa kabiri.

Habaye imyiyerekano yahuriyemwo amajana n'amajana hanze y'ahabera iyi nama i Houston

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Habaye imyiyerekano yahuriyemwo amajana n'amajana hanze y'ahabera iyi nama i Houston

Trump abandanya ati: "Congrès yategerezwa kwemeza vuba bwango kugarukana ifaranga ryose turakoreshejwe muri ya mafaranga yo gufasha abakozweko na Covid.

"Intara ni ziyasubize hanyuma akoreshwe ningoga mu gushiraho uburyo butavogerwa bwo gucungera umutekano ku mashure yose yo ku butaka bwacu".

Trump ariyamiriza abasaba ko hoba ugucungera ibijanye no gutunga inkoho, akavuga ko abanyamerika bategerezwa kugira uburenganzira bwo kwivuna "akabi".

Ahubwo asaba ko hosubirwamwo "kuva hasi gushika hejuru" integuro ijanye no gucungera umutekano w'amashure, nko gushinga irembo rimwe ricungerewe cane ku bigo vy'amashure, harimwo ubuhinga bwo gucungera ko ata muntu yinjiza icuma kandi ishure ryose rikaba rifise n'imiburiburi umupolisi yohabwa ikirwanisho. Yagiriza aba Democrats kuzibira ingingo zo gucungera umutekano nk'izi.

Uyu mu Repubulika yahoze arongoye Amerika yatanguye ijambo ryiwe asoma amazina y'abaguye mu gitero c'umusore yitwaje inkoho i Uvalde, rimwe rimwe ryose rigakurikirwa n'inkengeri.

Ahejeje gusoma amazina y'abantu 21 bose biciwe muri ico gitero kw'ishure i Uvalde, Trump yavuze ati: "Kubera hari ikibi, ni kimwe mu bituma vyiza cane bituma itegeko rirekurira banyagihugu gutunga ikirwanisho, ntiribaka ikirwanisho".

Iyi nama ya NRA - rifise abanywanyi imiriyoni zitanu - yama iba uko umwaka utashe, iriko ibera ku birometero 450 uvuye i Uvalde, ahabereye iki gitero c'agahomerabunwa.

Imbere y'uko iyi nama itangura, abatari bake mu bashikirije ijambo bo ku ruhande rw'aba Conservateurs/Conservative hamwe n'abanyamuziki batangaje ko biyonjoroye - harimwo buramatari wa Texas Greg Abbott, umukenguzamateka John Cornyn hamwe n'uwahinguye irya nkoho yakoreshejwe mu gitero ca Uvalde.

Trump yifatiye mu gahanga abo biyonjoroye, mu kubwira abari aho ati: "Jewe sinabahemukiye ngo ndeke kwitaba nk'abo bandi".

Mw'iryo jambo ryiwe, Trump kandi yateye akamo Amerika "guhindura cane integuro ijanye n'abafise ibibazo vyo mu mutwe".

Yarateye akamo nk'ako igihe yari akiri umukuru w'igihugu, n'aho muri ico gihe abamunegura bamwagirije ko yariko agerageza guhagarika amafaranga yari agenewe imigambi y'ubuvuzi harimwo no kwitaho abafise ibibazo vyo mu mutwe.

imbere y'uko Turmp ashikiriza ijambo, umukenguzamateka wo muri Texas Ted Cruz yavuze ko ibitero vy'abarasa abantu mu kivunga biva kuri ba serugo batitaho imiryango, abantu batakija mu masengero, imbuga hwaniro hamwe n'amavidewo y'udukino.

Umukenguzamateka Cruz ashimangira ko ashigikiye cane iri tegeko riha uburenganzira abanyagihugu gutunga inkoho, aca asaba abari bitavye iyi nama "ko mu kwishura ikibi batoca bahonyanga ibwirizwashingiro canke uburenganzira bw'abanyagihugu bagendera ku mategeko".

Hanze y'aho iyo nama ibera, habaye imyiyerekano yahuriyemwo amajana n'amajana y'abatera ivyatsi ishiramawe NRA. Bari bafise ivyapa vyanditseko ngo "NRA yica inzoya", "kingira abana hagukingira inkoho", bafise n'imisaraba hamwe n'amasanamu y'abaguye muri ico gitero.