US: abana 19 bari mu biciwe mu gitero kw'ishure ry'intango muri Texas

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Angelica Casas & Max Matza
- Igikorwa, BBC News, Uvalde
Abana 19 hamwe n'abandi bakuze babiri biciwe mu gitero c'umusore yitwaje inkoho kw'ishure ry'intango riri mu bumanuko bw'intara ya Texas.
Uyu musore w'imyaka 18 yateye ishure ry'intango rya Robb (Robb Elementary School) mu gisagara ca Uvalde imbere y'uko yicwa n'abajejwe umutekano, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Abajejwe amatohoza bavuga ko nyene gukora ibi yari afise inkoho y'i basitola (pistolet) izwi nka AR-15, irekura amasasu menshi kandi ifise igikono (magazine) kijamwo amasasu menshi.
Uyu musore azwi ko yabanje kurasa inakuru imbere y'uko yiha inkumbi.
Ibinyamakuru vy'akarere bivuga ko ashobora kuba yize amashure yisumbuye muri ako karere.
Umukuru w'igipolisi ca Uvalde, Pete Arredondo avuga ko uyu musore yuguruye umucanwa isaha 11:32 ku wa kabiri mu masaha yo muri Texas (isaha imwe n'iminota 32 z'ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda), kandi ko abajejwe amatohoza bemeza ko "iki caha c'inzigo yagikoze ari umwe".
Buramatari wa Texas Greg Abbott avuga ko uwakoze iki gitero yataye imodoka imbere yo kwinjira mw'iryo shure gukora iki gitero "c'ubugome, kidatahuritse".
Umwe muri abo bakuze yishwe yari umwigisha ibinyamakuru vya Amerika vyita Eva Mireles. Urupapuro rwiwe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'iryo shure ruvuga ko yari afise umukobwa yiga mu mashure yisumbuye.
Abanyeshure badashika 500 nibo biga kuri iryo shure rirwiriyemwo abanyeshure bo mu bwoko bw'aba Hispanic riri ku birometero vyababa 135 mu burengero bw'igisagara ca San Antonio.

Ahavuye isanamu, Reuters
Itororokanirizo ry'amakuru Associated Press rivuga ko umukozi wo mu gisata kijejwe gucungera imbibe yari hafi yaciye yinjira muri iryo shure aca yica uyo musore yakoze iki gitero.
Uvalde iri ku birometero bidashika 128 uvuye ku rubibe rwa Mexique, ikaba ifise ikirindiro c'ingabo zikora mu gisata kijejwe gucungera imbibe.
Babiri mu bakozi b'iki gisata bavugwa ko barashwe mu gihe bariko bararasana n'uyu musore yari afise inkoho. Umwe muri bo yarashwe mu mutwe nk'uko abategetsi babivuga, bakongerako y'uko bompi bameze neza aho bariko baravurirwa mu bitaro.
Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru CBS News, uyu musore yari yambaye umwambaro umukingira amasasu igihe yakora iki gitero.
Uwundi musore nawe nyene w'imyaka 18 yikekwa gukora igitero ku kaguriro k'imfungurwa i Buffalo, muri New york, ku wa 14 Rusama (5) na we nyene yari yambaye umwambaro umukingira amasasu kandi afise n'inkoho irasa amasasu menshi - izi nkoho zompi zikaba zidandazwa muri Amerika.
Ibitaro Uvalde Memorial Hospital vyanditse ku rubuga rwa Facebook ko abana 13 bashikanywe ku bitaro "hakoreshejwe za rusehabaniha n'amabisi (bus)".
Abarongoye ibitaro vya kaminuza bavuga ko umugore w'imyaka 66 n'umukobwa w'imyaka 10 basinzikaye cane aho bariko baravurirwa mu bitaro i San Antonio.
Mu mihana yegereye iri shure ry'intango rya Robb, habaye uguteramira abaguye muri iki gitero n'abarokotse.
Ijwi rya Karla Bohman ryacitse aho yariko abwira abari aho ko hari umuryango w'umugenzi utazi amakuru y'umukobwa wabo, akaba yari umunyeshure kw'iryo shure.
N'amarira, Bohman yavuze ati: "Ntibazi nimba ari mu cumba c'inkomere canke nimba ari umwe mu bapfuye, ariko barazi ko iki gitero camugizeko ingaruka uburyo ubu canke buriya. Sindavyumva!"
Cheryl Juhasz amaze ubuzima bwose aba i Uvalde, yakoroye amosozi muri ico gisabisho.
"Biragoye gutahura akabi nk'aka. Aho vyobera hose, ariko biragoye iyo bibereye muhira".

Mw'ijambo yashikirije, Perezida Joe Biden avuga ko yacitse intege kandi ko yaruhishijwe no kwama ariko aravuga ku bijanye n'abarasa abantu mu kivunga, aca asaba ko inkoho zocungerwa.
"Uribaza abana babonye ivyabaye - babona abagenzi bapfa, nk'uko umengo bari mu ntambara, izina ry'Imana! Ibi bizobagumamwo ubuzima bwabo bwose".
Yategetse ko amabendera yo kuri Maison Blanche/White House n'ayo ku nyubakwa za reta ya Amerika aduzwa gushika hagati mu kwibuka abaguye muri iki gitero i Uvalde.
Umusi wa nyuma w'ukwiga kuri iri shure wari ejo ku wa kane. Ariko ivyigwa n'ibikorwa vyose vyaciye bihagarikwa mu kiringo cose cari gisigaye muri uno mwaka.

Ivyo kurasa mu mashure ni ibintu biguma vyibonekeza muri Amerika, aho mu mwaka uheze habaye ibitero 26, nk'uko bivugwa na EdWeek, ikinyamakuru gitangaza amakuru yo muri ico gisata c'indero.
Igitero cabaye mu 2012 kw'ishure ry'intango rya Sandy Hook Elementary School mu ntara ya Connecticut carababaje Abanyamerika. Abantu 26 nibo baguye muri ico gitero cakozwe n'umusore w'imyaka 20, kigahitana abana bari hagati y'imyaka itanu n'itandatu.
Mw'ijambo yashikirije inama nkenguzamateka nijoro ku wa kabiri, umukenguzamateka w'umu Democrat Chris Murphy wo mu ntara ya Connecticut yatakambiye bagenziwe gutora itegeko ryo kugenzura inkoho.
Ati: "Turiko dukora iki? Kubera iki turi ng'aha? Nimba atari gutorera umuti ikibazo ciraye nk'iki? Ibi si ukuvuga ko bidashobora guhagarikwa".
"Aba bana si ukuvuga ko bagize igihamana kibi. Ibi bintu biba muri iki gihugu honyene. Nta handi, nta handi abana bato baja kw'ishure bazi ko umusi umwe bashobora kuraswa".
Ariko umukenguzamateka wa Texas, Ted Cruz, umu Repubulika, ariyamiriza aka kamo ko gucungera inkoho. Avuga ko kwaka abanyagihugu "uburenganzira bwo gutunga inkoho... bidakunda. Ntaco vyomara. Ntivyobuza abakora ivyaha".
Ku wa mbere, icegeranyo ca FBI casanze ibitero vy'abantu barasa vyiyongereye incuro zibiri kuva ikiza ca coronavirus cadutse mu 2020.












