OTAN yoba iriko yitegurira intambara na Russia? Indege z'impande zompi zabonetse mu micungararo ya Ukraine

NATO

Abashikiranganji b’urunani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe bahurikiye mu nama kugira ngo bihweze ingene bofasha Ukraine. Imyimenyerezo minini cane kuva intambara yo kwikekana (Guerre froide/Cold War) irangiye iriko iraba mu bihugu vya OTAN biri hafi y‘Uburusiya.

Umunyamakuru wa BBC Nafisa Kuhnavard yafashe amasanamu y’indege za OTAN ziriko zegereza hafi y’ibirere vya Bulaya birimwo ingabo z’Uburusiya.

OTAN ivuga ko ari yo myimenyerezo ya gisirikare ikomeye kuva inyuma y’intambara y’ukwikekana.

Indege 50 ziri mu myimenyerezo kugira zirabe ubushobozi bw’ibihugu vyunze urunani (Alliés /Allied) bwo kurwanira mu kirere mu buseruko bwa Bulaya.

Akahise ntikari kure. Uburusiya buracari ikibazo gikomeye.

Umudereva w’indege wo muri Repubulika ya Tchèque (Tchéquie) Mikhail Danek ariko akora ico ajejwe. Ari imbere y’amakamera, womengo ariko akina ireresi. Ariko si ibikino, ni ibikorwa nyavyo.

Nafisa Kuhinur, umunyamakuru wa BBC, avuga ati: “Iyi myimenyerezo ibaye giturumbuka. Indege itazwi yegereye ikirere ca OTAN. Izi ndege zayizibiye hanyuma isubira inyuma”. 

Mu nyuma, OTAN yabwiye BBC ivyabaye. Yari indege y’Uburusiya. 

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri kino gihe umubano hagati ya Moscou na OTAN ucumbagira, ikosa rimwe gusa rirashobora gutuma ibintu biyangara. 

Muri uru rwego nyene rw’imyimenyerezo ya gisirikare, ingabo za Lithuania ziri mu myimenyerezo yo ku butaka yo guhangana n’ibitero vy’indege. 

Ibihugu vyo mu karere ka Balte biri neza na neza ku nkengera y’Uburusiya kandi biri mw’ishirahamwe OTAN. 

Umushikiranganji wa Lithuania ajejwe kwivuna abansi, Margiris Abukevich avuga ati: “Ingene ibintu bimeze ubu ntibihagije mu kuzibira Uburusiya canke kubusubiza inyuma mu minota ya mbere mu gihe ibintu vyorenga inkombe, atari muri Ukraine honyene, ariko kandi muri Lithuania no mu turere twacu”. 

Abanyagihugu basanzwe ba Lithuania ntibarindiriye OTAN, bose hamwe barabandanya imyiteguro. 

OTAN iriko irongereza ibikorwa vyayo mu buseruko bwa Bulaya. 

Iki gikorwa co kugenzura indege gifise intumbero yo kuzitegura ku buryo zishobora kumara amasaha ashika kuri atandatu mu kirere. 

Ibi biri mu bikorwa bidasanzwe vyo kwibutsa Uburusiya ko butemerewe kwinjira mu kirere ca OTAN. 

Mu yandi makuru, uku niko umugore w’umurusiyakazi asigura igituma ariko arafasha Ukraine kwivuna umwansi. 

“Igituma ndiko ndafasha ni uko igihugu canje kinteye isoni n’ubwoba. Ndiko ndafasha uko nshoboye kwose”. 

Lithuania kandi iriko irafasha kuvura abasirikare ba Ukraine bakomeretse. 

Intwazangabo yakomerekeye ku rugamba ku musi wa mbere nyene w’intambara, atanga ubutumwa bwumvikana ku Burengero. 

Dmitry Kaitanyuk ati: “Mu gihe bogabura ibirwanisho vyacu mu turwanisho duto duto kugira ngo gusa twikingire, intambara yobandanya igihe kirekire cane.

“Kandi ingaruka ntizoba kuri Ukraine gusa, ahubwo ku mugabane wose wa Bulaya no mu bihugu vyose vy’Uburengero”.