''Ibivuye mu matora ntivyama ari ibivuye mu gasandugu k'amajwi''- umushikiranganji wa Tanzania imbere y'uko akurwa muri reta

Uwahoze ari umushikiranganji w’amakuru muri Tanzania, Nape Nnauye

Ahavuye isanamu, Ministry of Infomation

Insiguro y'isanamu, Nape Nnauye yari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru kuva mu kwezi kwa mbere mu 2022
    • Umwanditsi, Florian Kaijage
    • Igikorwa, BBC Swahili, Dar es Salaam

Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe kumenyesha amakuru yakuwe muri ayo mabanga inyuma y'aho abantu bakomeye induru amajambo yavuze ko amatora ashobora kwibwa.

Nnauye yafashwe video ku wa 15 Mukakaro(7), ariko aravuga ko azofasha umugenzi wiwe w'umushingamateka wo mu mugambwe uri ku butegetsi gutsinda amatora yo mu 2025.

Yongeyeko ati: ''Ibivuye mu matora ntivyama ari ivyavuye mu gasandugu k'amajwi. Ahubwo bivana n'umuntu aba ariko arayaharura akayatangaza''.

Inyuma y'aho abantu bakomeye induru babonye iyo video yakwiragiye cane, Nnauye yavuze ko ayo majambo yayavuze ashaka gutwenza.

Umukuru w'igihugu Suluhu Hassan yaramukuye ku wa Mungu mw'isubiramwo ry'abagize reta yiwe. Ntiyasiguye impamvu z'ingingo yiwe.

Iyo video, yafashwe igihe Nnauye yariko aragendera igisagara ca Bukoba kiri mu buraruko bwa Tanzania, yerekana kandi uwo yahora ari umushikiranganji ariko avuga ati: ''Kubera nzi amayeri y'amatora, nzofasha atsinde.''

Yavuze ko hari inzira nyinshi z'ingene umuntu atsinda -mu mategeko, hagati na hagati [y'amayeri n'amategeko] canke bidaciye mu mategeko''.

''Zose zirashobora gukoreshwa, wewe ico ukora biheze ni ugusaba ikigongwe ku mana,'' Nnauye niko yabandanije avuga, aguma atwenga igihe yariko avuga ayo amajambo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abanya-Tanzania benshi baraneguye uwo yahora ari umushikiranganji, bavuga ko yarenze ku biranga demokarasi ishingiye ku matora kandi ko atubashe ingingo y'abatora.

Igihe yasaba imbabazi, Nnauye yavuze ko yemera ''amatora yo mu mwidegemvo kandi atawe erenganije''.

Nnauye yaraneguwe kandi igihe hari himirije amatora yo mu 2015, aho, afatiye ku mupira w'amaguru, yavuze ko umugambwe uri ku butegetsi CCM wari gutsina uko vyogenda kwose - naho vyoba ngombwa ngo winjize ''igitsindo c'ukuboko'' [ubundi ni ikosa gukora ku mupira n'ukuboko kiretse umunyegori canke umukinyi ariko arasubiza umupira mu kibuga iyo wasohotse].

CCM -Chama Cha Mapinduzi mu majambo yose - ni umwe mu migambwe imaze imyaka myinshi ku butegetsi muri Afrika.

Uri ku butegetsi kuva ushinzwe mu 1977, abatavuga rumwe na wo bakaba bawagiriza gutsinda amatora aheruka biciye mu busuma n'agacinyizo.

Ariko, umugwi ujejwe amatora urahakana ko amatora atibwe

Nnauye yakoreye umugambwe ''kuva akiri mu mashure mato mato'', nk'uko biri mu nyandiko iranga ubuzima bwiwe iri ku rubuga rw'ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru.

Yagenywe ubwa mbere nk'umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru n'umuhisi perezida John Magufuli, imbere y'uko akurwa reta ihinduwe.

Perezida Samia yamugarukanye muri Nzero (1) mu 2022.

Ubu agiye gusubirirwa n'uwahora ashinzwe amatongo n'uburaro Jerry Slaa.

N'umushikiranganji w'imigenderanire January Makamba yarakuwe, uwahora aseukira Tanzania mu Butaliano, Mahmoud Thabiti Kombo, akaba ari we agiye kumusubirira.