Perezida Samia Suluhu wa Tanzania yitavye ibirori vy’abatavuga rumwe na reta

Samia Suluhu ni we mukuru w’igihugu ca Tanzania wa mbere w’umugore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Samia Suluhu ni we mukuru w’igihugu ca Tanzania wa mbere w’umugore

Ku ncuro ya mbere muri kahise ka Tanzania, umukuru w’igihugu yaraye yitavye ibirori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi vyatunganjiwe n’umugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, CHADEMA.

Ingingo ya Perezida Samia Suluhu Hassan yo kwitabira ibi birori irashimagizwa n’umukuru wa Chadema Freeman Mbowe, aho avuga ko ari ivyamwa vy’imibonano yari ifise intumbero yo gusubiza hamwe.

Mw’ijambo yashikirije ibihumbi vyari bihari, Perezida Samia yavuze ko gusubiza hamwe bibandanya muri poritike ya Tanzania, kandi ko hari intambwe zari zimaze gushikwako mu gihe izindi zikibandanya, harimwo kurondera ibwirizwashingiro rishasha.

Yongeyeko y’uko vyagoranye gutanguza uyu mugambi wo gusubiza hamwe kuko bamwe mu mugambwe wiwe “batari bavyiteguriye”.

Umupfasoni Samia ati: "Harabaye impari nyinshi aha na hariya, kandi no ku ruhande rw’abatavuga rumwe naho nyene kwabaye nk’uko.

“Rero impande zompi zifise abantu bazo batishimiye iyi ntambwe yo gusubiza hamwe muri poritike”.

Umupfasoni Samia Suluhu ni we mukuru w’igihugu ca Tanzania wa mbere w’umugore, akaba yashikirijwe aya mabanga inyuma y’urupfu rwa Perezida John Magufuli mu 2021.

Perezida Magufuli yagirizwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe ko yatwaza umukazo, agahiga buhongo abarongoye imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi n’abanywanyi bayo.