Prezida wa Tanzania ahamagarira abagore kuvyara bake

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan yerekanye amakenga ku gitigiri kinini c'abana bavuka muri ico gihugu, aca ahamagarira abanyagihugu gufata ingingo zo kugabanya imvyaro.
N'igihushane gikomeye ugereranije n'uwo yasubiriye John Magufuli, yahimiriza abapfasoni ku mugaragaro kudakoresha uburyo bwo kwikingira imvyaro.
Mu mpeza z'indwi iheze, igihe yariko aragendera akarere ka Geita kari mu burengero bwa Tanzania, prezida Samia yariyamirije ivuka ry'abana b'umurengera.
Yagize ati: "Ejo nabwiwe ko mu nzu yakira abavyeyi y'i Buselesele mu karere ka Geita, mu kibanza kimwe gusa havukiye abana 1000 mu kiringo c'ukwezi.
Prezida yahimirije agira ati: "Ubu mwibaza ko hazoba hakenewe amashure angana gute inyuma y'imyaka itatu? Amavuriro angana gute? Hakenewe ibingana iki mu gufasha abo bana? Tuzokenera amatoni y'ibifungurwa angana gute? Nimuze tugabanye uyu muvuduko kandi tugabanye imvyaro."
Mu 2018, igihe hariko haraba imyiyamamazo mu burengero bwa Tanzania, uwahoze ari prezida wa Tanzania Magufuli, yise abakoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro ko ari aba abanebwe.
Hanyuma mu 2016, inyuma yo gutanguza umugambi wo kureka abana bo mu mashure y'intango n'ayisumbuye ngo bige ku buntu, yavuze ati: "Abana bashobora kujugunya uburyo bwo kwikingira imbanyi. Ubu amashure ni ku buntu."
Ibiharuro vya banki y'isi vyo mu 2020 vyerekana ko ukurondoka muri Tanzania kwari ku muvuduko w'imvyaro 4.8 kuri buri mugore. Bivugwa ko ukurondoka cane biva ku baja kwubaka bakiri bato hamwe n'igitigiri gito c'abakoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro.
N'aho ico gitigiri cagiye kiragabanuka muri iyi myaka 30 iheze, si ku muvuduko munini co kimwe n'ibindi bihugu vyo mu karere nka Kenya na Ethiopia, uravye ibiharuro vya banki y'isi.
Tanzania irimwo abanyagihugu boba bashika imiliyoni 60, ibice 49% muri bo bakaba babeshejweho n'amadolari adashika 2 ku musi.










