"Babigize ikinyegezwa, bihungabanya ubuzima bwanje, ngiye kubigwanya"

Magdalena Moshi

Ahavuye isanamu, MAGDALENA MOSHI

Peter Musembi

BBC Sport

“Kuri twebwe iwacu muri muri Tanzania, kari kuba kabaye akaga.”

Se w’umunya-Tanzania wa mbere yaronse umudari wa Olympic mu kwoga ariko arayaga n’umukobwa wiwe, yemera ukuri, agerageza kumusigurira igituma yamuhishije ingorane y’amagara yishe nibura batanu bo mu muryango wabo.

Iyo ngorane – kubera kudasuzumwa – yatumye kunyarukanwa kwa muganga mu mpera z’umwaka uheze, ico gihe havanwa mu nda ya Magdalena Moshi ibiro hafi bine (4kg) vy’ibivyimba bita fibromes inyuma yo gukorwa (kubagwa) vyihuta.

Imisi y’ububabare yaciye ikurikira imyaka n’iyindi yari amaze yama agenda yumva atamerewe neza kuva mu myaka ya mbere yiwe y’ubuyabaga, aho akaba yari afise iyo ngorane ata nkeka ko yahungabanije umwuga wiwe wo kwoga.

None, kubera iki Alex, se wiwe, atigeze amubwira na kimwe ku bijanye n’ibivyimba vya fibromes mu muryango wabo?

Ati: “Abantu barashobora guca batangura gutungwa urutoke ngo ni intavyara” imbere yo kwongerako ati: “Ni rumwe mu mpome z’Abanya-Afrika dukeneye kumenya ko zihari kugirango dushobore kuzisenyura.”

Mu kugira ico akoze, Magdalena yiyemeje kurwanya umuco wo kutubahuka kuvuga ibibazo vy’amagara ajanye n’irondoka (santé reproductive/ reporoductive health) mu gihugu ciwe za Tanzania.

Kuko, bwabaye ubwa mbere, igihe yariko arakira inyuma yo kubagwa muri Australia iyo yari yagiye kwiga, amenya ko yari afise ingorane ya fibromes kandi yari isanzwe iri mu muryango iwabo kuva kera, mu gihe kandi ishobora guhererakanywa mu muryango.

N’ubwo yajanwa mu bitaro kenshi ku murwa mukuru Dar Es Salaam afise ingorane zijanye n’irondoka mu myaka yiwe ya mbere y’ubuyabaga, ubwoba bwo gutungwa agatoki kubera fibromes bwatumye kuba Magdalena ashobora kuba afise iyo ngorane babimunyegeza.

“Nibaza ko ata gice canje na kimwe kizokwigera kibabarira uwo muco wo gukora ivyo”, niko uwo mugore w’imyaka 32 yabwiye BBC Sport Africa ari i muhira iwe hashasha muri Adelaide, muri Australia.

Baba bashaka ku uronka umugabo

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

TURAGABISHIJE: Iyi nkuru irimwo ifoto yerekana uko vyakabaye ibivyimba (fibromes) vyavanywe muri Magdalena Moshi.

Magdalena yanyarukanywe kwa muganga muri Nyakanga/Nzeri (9) mu 2021 inyuma yo kwumva ububabare bw’umurengera mu ntantu igihe yari mu nzu yo kwinonora imitsi (gym).

“Nibuka ikintu ca mbere numvise nikanguye n’uko umuganga asinziriza yariko aravuga ngo ‘Kirya kivyimba cari kinini – cari cashitse mu mbavu!”’ nk’uko vyibukwa n’umugore ariko araca urupauro rw’umutsindo rwa PhD mu vyigwa vy’amagara.

Nk’uko yahavuye abimenya ubwiwe, fibromes ni ibivyimba bitarimwo cancer biza mu gitereko canke iruhande yaco kandi kenshi bikaza mu myaka umukobwa aba ashobora kurondoka (ashobora kuvyara).

Iyo ngorane ishikira abagore b’abanya-Afrika kurusha abandi bose, umuganga wa Magdalena akaba yamubwiye ko amamuko yiwe y’ubunya-Afrika yatumye “ibivyimba vyiwe vyinshi vya fibromes vyagiye kumenyekana bitevye’.

Muganga Tran Nguyen yabwiye BBC Sport Africa ati :’’Abagore b’abamamuko ya Afrika bafise ivyago bingana incuro zibiri gushika kuri zitatu zo kugira fibromes kurusha bagenzi babo b’abazungukazi”.

Amaze kuva mu bitaro, Moshi yaronse terefone ya se wiwe Alex, muri Tanzania, amuhishurira ko fibromes ari ingorane iri mu muryango hanyuma amubwira arira ko yicuza kuba yarabimuhishije.

Aca yongerako ati: “Kwumva ko igituma umuryango wa data utavuga ico kibazo ari ukubera fibromes zijanye no gutera kutavyara, gutuma inda zikoroka no kuvyara abana bapfuye - no kwumva ko bene ivyo bintu vyari kumbuza amahirwe yo gushobora kuronka umugabo.

“Intumbero ni ukubinuma, bakurungike kurongorwa hanyuma ico kibazo uzomenye ingene ucifatanwo mu nyuma.”

Ubu Moshi ariko aragirirwa ubuhinga bw’uko imbuto z’umugabo n’izo umugore zihurizwa hanze (In Vitro Fertilization, IVF), hanyuma zigaca zijanwa mu gitereko mu gihe be n’umuhungu bakundana bariko baragerageza kuronka umwana.

Ikivyimba
Insiguro y'isanamu, Kimwe mu bivyimba vyavanywe mu nda ya Moshi, kubagwa bagikuramwo bikaba vyasize inkovu nini, careha na santimetero 13 (13cm)

Dusubire mu nkino

Moshi yabaye umunya-Tanzania wa mbere akiri muto yaronse umudari wa Olympic igihe yawutsindira mu nkino za Beijing 2008 ku myaka 16.

Yarahiganywe kandi mu nkino za 2012 na 2016 ariko ntiyigeze arenga intambwe ya mbere kuko uretse ko yarwana n’abakeba, yarwana kandi n’ububabare bwo mu mugongo butahera.

Avuga ati: “Mu nyuma niho nagiye kumenya ko kimwe mu bimenyetso bikomeye vya fibromes ari ukubabara umugongo.”

“Ingene vyanyononeye umwuga wo kwoga, numva mu mutwe `ntashaka no gusubira kuvyiyumvira kuko vyombabaza cane”.

Igihe yariko arakira aho bamukoze, Magdalena – n’ubu acitaba amahiganwa yo kwoga – yarahamagaye se kuri video kugira bavugane ico kibazo.

Mu gihe yari yarengewe n‘ivyashitse, yashaka kumenya igihe se yari amaze azi ko fibromes ari ingorane iri mu muryango, igituma yakomeje kubimuhisha kandi Magdalena yaguma yerekana ibimenyetso mu myaka ya mbere y’ubuyabaga hamwe n’ivyigwa umuryango ushobora kuvanamwo.

BBC Sport Africa yemerewe gukurikira ico kiyago. Vyashotse bigaragara ko Alex yari amaze imyaka myinshi azi ko abantu ba hafi mu muryango bari barivuje ama fibromes, harimwo babiri babanje kubagwa nk’uko vyagendeye Magdalena.

Se na nyina ba Magdalena
Insiguro y'isanamu, Se wa Magdalena, Alex, yafotowe ari kumwe na nyina wa Magdalena, ubu ariko akora isekeza ryo kwerekana ingaruka mbi z'uko haba ibitavugwa

"Urumva ikibazo nari nsanzwe ndakizi, kandi nzi ko cama kijana no kuvyara. Mu nyuma narabuze abandi bavyara, mu nyuma ndamenya ko na mama yari afise ingorane nk’izo.”

Abajijwe igituma ibibazo vya Magdalena bijanye n’irondoka mu gihe c’ubuyabaga no kwama ariko araja kwa muganga itabaye imvo ikwiye kugira bahishure ikibazo, Alex yishuye ati: “Hari ibintu bitavugwa hagati y’umukobwa na se.”

“Mu mico yacu, ku bijanye no kurongorwa, abantu akenshi bagerageza guhisha aho bafise ingorane. Mu mibereho yacu, vyamye bimeze nk’ikibazo co kwigwanako – bisigura ko wama ugerageza kurondera uwo mwubakana akomeye neza cane bishoboka.”

“Kubera izo mvo, vyinshi muri ivyo bintu mu mico yacu vyarahishwa.

"Ku binyerekeye, nabaye nka ya nyoni bita autruche - iyo autruche ifise ingorane, inyegeza umutwe, ikibaza ko umutumba wayo wose ata ngorane uja kugira. Nibaza ko natwe bizotungendera neza. Ntivyigeze biba uko.”

Kurwana n'umukuba

Ivyashitse vyatumye Alex asubira kwibaza ico yokora kuri uwo muco wo guhakana no kuguma mu gacerere muri Tanzania.

Ubu ibitahora bivugwa arabivuga akaba yarabwiye abakobwa n’abagore bose bakiri bato mu muryango wiwe kugenda kwipimisha barabe ko ata vyago bafise vyo kugira fibromes canke izindi ngorane zijanye n’irondoka.

Magdalena Moshi
Insiguro y'isanamu, Magdalena Moshi

Ubwo butumwa yaranabushikanye mu muryango iyo avuka, ku mucamo w’umusozi Kilimanjaro mu buraruko bwa Tanzania.

Igihe bariko barayaga, Alex yabwiye Magalena ati iyo apfa yari kuba ibaye ingaruka ya mbere mbi – ariko ko kudashora kuronka abana vyari kuba “akaga”.

Mu nyuma Mgadalena aramubaza ati: “None wamerewe gute wumvise ko ubwa mbere , fibromes zagarutse hanyuma ubwa kabiri, ko bariko barankorera IVF kubera ivyo?”

“Amajambo yaramperanye.”

Magdakena we ntiyamuheranye, kandi avuga ko azobandanya guharanira ko haba ibiyago ku magara ajanye no kurondoka muri Afrika.

Inyuma y’ingorane ziwe, yararondeye adatevye abo mu muryango bashobora kuba bafise ingorane nk’izo, kandi nabo batubahuka kuzivuga.

Yasiguye ati: “Narahamagaye bavyaranje bose ndababira ko mfise ico kibazo kandi ndabumvisha ko bategerezwa kwipimisha.”

“Ubutumwa bwanje ku bakobwa n’abagore bakiri bato muri Afrika y’Ubuseruko na Afrika yose ni ubu: niba ufise ingorane z’amagara afatiye kw’irondoka, ntibituma ubugore bwawe bugabanuka, rero bivuge hanyuma urondere ubufasha.”

Aho ashoboreye kuzibira ivyago vyari gushikira abo mu muryango wiwe batari bafise amahirwe nk’ayiwe, Magdalena ubu ariko atera iyindi ntambwe, yizigiye ko gutuma abantu bamenya ivyerekeye fibromes muri Tanzania no mu bindi bihugu bishobora gufasha abandi mu kuvanaho ivyo gutinya gutungwa agatoki.

Gutinya gutungwa agatoki vyatumye yoga ukuboko kumwe gufashe mu mongongo, mu nkino no mu buzima.

“Vyashize amagara yanje ku gihe kirekire, ubuzima bwanje n’ubushobozi bwanje bwo kuronka abana mu ngorane zikomeye”.