Bazamuganga: Uburwayi bwa Fibromes Uterins bumeze gute?
Abagore n'abigeme bageze mu myaka yo kwibaruka barashobora kugira ikibazo c'ibivyimba mu bice vy'igitereko/ Fibromes Uterins
Ibi bivyimba bikunda kuboneka ku birabure gusumba ayandi moko (mu bazungukazi bifata abagera ku bice 20% nayo mu birabure barenga 50%).
Ni ingwara kuri bamwe itera ububabare bukomeye cane, n'aho ata vyinshi bivugwa ku bushakashatsi bwo kumenya impamvu zavyo n'ingene vyokwirindwa.
Forentine Kwizera avugana na Muganga Thierry Mako, yanonosoye gukwirikirana abavyeyi (Gyneco-obstetricien), atangura amubaza uburyo ivyo bivyimba bimenyekana ku wubifise (umviriza ikiganiro aho hejuru).