Kuki namaze imyaka 17 ntavuganye n'umuntu n'umwe, na 22 nturiye imodoka?

John Francis

Umunyamerika John Francis yarafashe ingingo yo guhindura ubuzima bwiwe akiri muto: Yafashe ingingo yo guhagarika kuvuga.

Yamaze imyaka 17 atavugisha umuntu n'umwe imbere yo kubona ko yari afise ikintu yari akeneye kuvuga.

Ivyo vyose vyatanguye ku kigandaro. Isanganya hagati y'amato abiri atwaye igitoro mu 1971 ryatumye hisuka igitoro cinshi mu kigobe ca San Francisco.

"Numvise iyo nkuru, naciye nshaka kuvyirabira n'amaso yanje, nca mfata imodoka nja San Francisco mva mu gisagara mbamwo gito ca Inverness. Naraboneye bari mu migwi mito mito bariko barasukura amazi.

"Barinjira mu mazi bagakuramwo ibikoko vyo mu mazi - pelican, amafi ... vyuzuye amavuta."

Kubona inyoni abantu bariko baragerageza gutabara vyaramutangaje cane gushika aho yibaza ko na we abona ko akwiye gukora ikintu.

"Naribajije, 'Ndeke kugendesha imodoka, nca mfata ingingo yuko ari vyo nokora."

Womenya ko ico gihe hari kera mu myaka ya 70 hariya i California. Buri muntu yaratwara imodoka ahari ho hose, guheba kugendasha imodoka cari ikintu c'ubutwari.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

John yisanze ari we wenyene atambuka n'amaguru. "Nibaza ko hari abantu bazohitamwo gutambuka nkanje kubera ico gitoro casesetse mu kiyaga, kuko baguma bavuga bati 'Nzohagarika gutwara imodoka.' Nticabaye rero igitangaza kuri jewe kubikora.

Aho ntanguriye kubikora, nkavyemanga bavuze bati "Ivyo uriko urakora n'ibiki? Wararozwe! Nta kizohinduka."

"Na mawe yambwiye ko ndi umugumutsi, ariko nabandanije kugenda n'amaguru."

"Ntanguye kubikora, hari ikintu cashitse, ntangura kukinezerererwa, ntangura kunezerezwa no kuba aho nahora mba nturira imodoka yanje ngo nje mu gisagara canke ngo nje kugura ikintu mw'iduka... nkaguma mu gace mbamwo gusa".

Ingingo yiwe yo kureka kugendera mu modoka yatumye haba impari.

"Abantu baranyiyamirije baranampaririza ko umuntu umwe ashobora gutuma haba impinduka..."

Abadereva b'imodoka bamukekeza bavuga ko ashaka ko biyumva nabi canke, John na we akabasigurira... gushika aho aruha, akabona ko ariko arivugana, abantu ntibumva, ntibashaka guheba kugendesha imodoka.

Agashimwe

Agashimwe mu giteramo c'umusi wiwe w'amavuka ku mwaka wa 27, John yariko arasoma igitabo kimwe ca "The Hobbit" ca JRR Tolkien, aca agira iciyumviro.

Iciyumviro rero camujemwo ni guceceka, ntasubire guharira n'abantu, ntavuge, kuko avuze nta n'umwe yatahura ivyo ariko aravuga.

Book

"Ico gihe rero mvyutse mu gitondo, bukeye bwaho sinasubiriye kuvuga." Muri ico gihe c'amasaha 24 numye, nasanze ko imbere y'aho ata muntu n'umwe numviriza, ariko ko kubera ntavuga, naguma numviriza, kandi nkahungukira ibintu."

"Naribajije, 'nzosubira kunuma ejo", aho uwo musi wakurikiye uwundi, indwi inyuma y'iyindi."

Incuti n'abagenzi baramutahura?

"Umugenzi wanje vyaramunejereje nta ngorane vyamuteye mu misi ya mbere, ariko inyuma y'indwi imwe canke irenga yaribajije ryari ivyo bizorangirira ( nkatangura kuvugisha abantu hamwe na we). N'abandi bantu benshi bariyumviriye ko nabaye umusazi."

"Kuba ntavuga vyanguye neza kubera natahuye ko nariko ndiyigisha."

"Mu ndwi nke za mbere hari ibintu vyinshi mu mutwe wanje kuvyerekeye ivyo nkwiye kuvuga na ryari notangura kuvuga gushika aho niyumvira ko nobandanya kunuma gushika umwaka uhere."

Yabandanije kuguma anumye anagenda n'amaguru umwanya muremure.

"Nkifata iyo ngingo, ibintu vyose vyarasubiye mu buryo nguma numye, agacerere na ko kaguma muri jewe. Ijambo ryiza bijanye".

John

Igihe umusi wiwe w'amavuka washika amaze umwaka atavuga, yariyumviriye aca afata ingingo yo gusubira kumara uwundi mwaka atavuga....

Hakurikira uwundi mwaka, hanyuma uwundi... imyaka 17 irahera, aho ico yakora muri iyo myaka yose kwari "ukwiyumvira", gutembera ava California gushika Oregon agaca aja mu bugaragwa."

Hanyuma yarasubiye kwishure, araronka urupapuro rw'umutsindo atavuga.

"Ndibuka ko nagiye mu biro vy'uwandika abaje kwiga (muri kaminuza ya Oregon mu bumanuko bwa Ashland) ndamwemeza ko ntavuga kandi ko nshaka kwiga."

"Naricaye imbere yiwe ndunamika umutwe hasi hanyuma mfata igitabo canke nigira nk'uwuriko arasoma."

Jonh yabandanije abigira uko gushika aho atahura ico ashaka.

"Rero ushaka kwiga?" Uko ni ko yavuze "Nca nzunguza umutwe nemera."

Gusubira kuvuga

Abana bariko baroza inyoni

John yarashoboye guca urupapuro rw'umutsindo rwa kabiri rwa kaminuza (Maitrise), ku bushakashatsi yakoze kw'ihindagurika, intambara, amahoro n'ibidukikije, mu mwaka wa 1986.

Imiryango yaciye yuguruka kuri we. Yasabwe guhanura reta ya Amerika ku vyerekeye imeneka ry'igitoro mu mazi no kwandika amategeko bijanye. Ishirahamwe mpuzamakungu Onu yamusavye ko abaserukira mu vyerekeye ibidukikije...

"Biratangaje". Amazina atatu mu myaka yababa mirongo ibiri, John yiyumvise nk'uwushaka kugira ico avuze, aca yandika itariki yatanguye gusubira kuvugirako: Hari itariki 2 z'ukwezi kwa mbere mu 1990.

"Nahisemwo uyu musi mpuzamakungu, kubera nashaka kuvuga ku vyerekeye ibidukikije, ibintu vyari vyavuye ku vyiyumviro vya kera - ihindagurika ry'ikirere, imeneka ry'ibitoro, kubangamira ibidukikije hamwe n'ibindi nk'ibi - ushizeko n'ingene batahurana.

"Iyumvire nk'akarorero ingene twonona amazi tutiyumviriye abantu baba mu kabande bategerezwa kuyasukura kugira abayakoreshe."

Kwonona ibidukikije cane cane amazi, ni bwo butumwa John yashaka gukwiragiza kw'isi mbere akaba yari yiteguye kuvuga inyuma y'imyaka 17.

Umusi wa mbere asubira kuvuga yiyumvise gute?

John Francis
Insiguro y'isanamu, John Francis ariko aravuza umuziki akoresheje igicurarangisho yavugije igihe yasubira kuvuga inyuma y'imyaka 17

"Nasubiriye kuvugira i Washington DC, mw'ihoteli yemeye kuntegurira umusi mukuru mutoya, ntumira bamwe mu bagenzi banje n'umuryango wanje."

Haraje kandi bimwe mu bimenyeshamakuru - National Geographic, Los Angeles Time. "Naravugije umuziki gato kuri banjo (igicurarangisho kimeze nk'igitari), hanyuma nca mvuga nti 'Murakoze kuba muri ngaha.' Na mama wanje asimbira hejuru n'umunezero avuga ngo, 'Haleluya, Johnny aravuga!

"Ariko kubera nari maze igihe kirekire ntumva ijwi ryanje sinatahura iyo riva, nararavye inyuma yanje kugira ndabe uwo muntu ariko aravuga ico niyumvira. "Naratangaye cane nca ntangura gutwenga, mbona data ingene andaba yibaza, 'ni vyo n'umusazi.'

Iyo rero yabaye intango yo gusubira kuvuga aca asubira mu buzima busanzwe, ariko n'aho akoresha imodoka, n'ubu aracagenda n'amaguru."Ndacatambuka".

Mu vy'ukuri, kuva mu kwezi kw'umunani nzoba ndiko ndatemberera Afrika. Kandi rimwe na rimwe ndamara umusi ntavuze. Ivyo ari vyo vyose, imyaka 17 namaze ntavuga na 22 ngenda n'amaguru, ntivyoba impfabusa.