Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Xi yatorewe kurongora umugambwe mu kiringo kigira gatatu
Xi Jinping yasubiye gutorerwa kuba umunyamabanga mukuru w'umugambwe wa CCP incuro ya gatatu yikurikiranya.
Xi Jinping yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru aho yavuze umugambwe wiwe warangije ikoraniro kaminuza ryawo, "dufashe ibendera ryacu, dushize inguvu hamwe tuja imbere twese turi kumwe".
Ikindi yemeje ko amakungu yakurikiranye iryo koraniro kaminuza kandi abakuru b'ibihugu barungitse ubutumwa bwo kumukeza , kandi ko abashimira bose.
Mu nyuma yerekanye abagize komite nshasha y'umugambwe aho yongeyeko "Bose musanzwe mubazi."
Xi w'imyaka 69 ni we mukuru w'umugambwe akomeye cane wa mbere wo ku butegetsi bwa gikominista inyuma ya Mao Zedong yapfuye mu 1976.
Xi abandanya kuba umugaba mukuru w'ingabo nk'uko vyari vyitezwe.
Vyamenyeshejwe ko Xi kandi azobandanya kurongora inama nkuru ya gisirikare - bikaba bisigua ko ari we mugaba w'ingabo z'Ubushinwa.
Bisigura andi ko Xi, ari we munyamabanga mukuru w'umugambwe, umugaba w'ingabo kandi ata nkeka azoguma ari umukuru w'igihugu (prezida w'igihugu akeneye gusa kwemezwa mu matora y'abashingamateka mu ntango y'umwaka uza).