Biden yasubiye kuvuga ko Amerika izotabara Taiwan mu gihe yoterwa n'Ubushinwa

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yongeye kuvuga ko Amerika izotabara Taiwan mu gihe Ubushinwa bwohirahira bukayitera.

Imboneshakure CBS imubajije nimba ibi bisigura ko ingabo za Amerika zizotabara Taiwan, Perezida Biden yishuye ati: "Ego, mu gihe vyoshika hakaba igitero kitari bwigere kibaho".

Aya majambo yacishijwe kuri iyo mboneshakure ejo ku wa Mungu, yatumye Maison Blanche/White house (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) yihutira gutanga umuco, ivuga ko poritike ya Amerika itarahinduka.

Poritike ya Washington yamye igendera ku “mayeri yo kudatomora neza ibintu” - ntiyiyemeza gutabara Taiwan, ariko kandi ntihakana ko ibi bishoboka.

Taiwan ni izinga rifise ubutegetsi bwaryo riri mu buseruko bw’Ubushinwa, kandi Ubushinwa burifata nk’igice c’ubutaka bwabwo.

Kuva kera Washington yamye ari ntahomfatwa kuri iki kibazo mu bijanye n’imigenderanire yayo.

Ku ruhande rumwe, irashigikiye poritike y’Ubushinwa nk’igihugu kimwe (One-China), ishingiro ry’imigenderanire yayo na Pékin.

Muri ino poritike, Taiwan ni intara y’Ubushinwa kandi aha nta gushidikanya. Rero Amerika ntiyemera Taiwan nk’igihugu cigenga kandi nta migenderanire ifitaniye n’iri zinga.

Ariko iracafitaniye naryo ubucuti bwa hafi mbere irarishorera n’ibirwanisho mu citwa itegeko-bwirizwa rigenga Taiwan (Taiwan Act), rivuga ko Amerika itegerezwa guha Taiwan uburyo bwo kwirwanira.

Muri iki kiganiro ca CBS citwa 60 Minutes (Iminota 60) ejo ku wa Mungu, Biden arashimangira ibi.

Ati: "Hari poritike ya One-China kandi Taiwan ni yo ifata ingingo ku bwigenge bwayo. Twebwe ntidukokeza, ntituyihimiriza ku bijanye no kwikukira – iyi ni ingingo yabo”.

Mu kugira ico ishikirije kuri uno wa mbere ku majambo ya Biden, Taiwan yakirije yompi "ingingo ya Amerika yo kutadohoka ku vyo yiyemeje ku mutekano wa Taiwan".

Taipei (umugwa mukuru wa Taiwan) ivuga ko izobandanya gutsimbataza "imigenderanire ya hafi yo gufashanya mu vya gisirikare" na Washington.

Pékin ntiragira ico ishikirije kuri ano majambo ya Biden, ariko Ubushinwa bwari buherutse kwiyamiriza amajambo nk'aya, aho Biden avuga ko azofata ingingo za gisirikare.

Muri Rusama (5), umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire yavuze ati: "Taiwan ni akarere ntavogerwa k'ubutaka bw’Ubushinwa ... Ikibazo ca Taiwan ni ikibazo kiraba Ubushinwa, kidashobora kwihanganira umunyamahanga yocivangamwo".

Aya majambo yayashikirije mu kwishura ku vyari bihejeje kuvugwa na Biden i Tokyo mu kwa gatanu igihe yishura ngo "ego" abajijwe nimba Amerika ishobora gutabara Taiwan.

Maison Blanche yaciye yihutira gutanga umuco, mu kuvuga ko Amerika itarava kw’izima ku vyerekeye poritike yayo.

No muri iki gihe nyene Maison Blanche yasohoye itangazo risa n’irivuguruza Biden: "Perezida aramaze kuvuga ibi imbere y’aha, harimwo n’igihe yari i Tokyo mu ntango z’uno mwaka. Yarasiguye neza kandi ko poritike yacu ku vyerekeye Taiwan itarahinduka. Ibi biracari ukuri”.

Ariko ubu bugize gatatu mu mwaka Perezida Biden arengeje mu majambo yiwe ufatiye aho reta ihagaze, mu kumenyesha ko hazofatwa ingingo za gisirikare – muri Gitugutu (10) umwaka uheze wa 2021, hanyuma kandi no muri Rusama (5) muri uno mwaka.

Mu ntango z’uku kwezi, Amerika yaremeye ko izoshorera Taiwan ibirwanisho vyo kwivuna bifise agaciro k’imiriyaridi 1.2 z’amadorari y’abanyamerika, ivyateye uburakari Ubushinwa.

Icuka kibi cariyongereye hagati ya Amerika n’Ubushinwa inyuma y’aho umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi, agiriye urugendo muri Taiwan mu kwa munani rwateje impari – Biden na we nyene akaba yavuze ko "kitari iciyumviro ciza".

Mu kwihora, Pékin yaciye ikora ibikorwa vya gisirikare vy’imisi itanu vyo kugota Taiwan.

Amerika ivuga ko bwateye ibisasu vya misire hejuru y’iri zinga, ariko Pékin ntiyavyemeje, mu gihe Taiwan nayo yavuze ko ibisasu vya misire vyarashwe n’Ubushinwa ata bwoba vyateye kuko vyarashwe hejuru cane.