Burundi-Cholera: Ababa mu bice ico kiza kirangwamwo bugururiwe amazi

Mu bice vy'igisagara ca Bujumbura biherutse gutangazwa ko vyadutsemwo ikiza ca Cholera, amabombo y'amazi yari amaze igihe yugaye yuguruwe.

Ikiza ca Cholera cateye muri zone Kinama yo mu buraruko na zone Buyenzi yo hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Ico kiza catangajwe ku munsi w'Imana n'umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu, inyuma yo kugendera ivuriro riri mu gace ka Kinama ryari rimaze kwakira abarwayi ba Cholera bagera kuri cumi n'umwe.

Umuvugizi w'ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge mu Burundi, Desire Bundoyi, avuga ko iryo shirahamwe riri ku kivi aho mu gisagara ca Bujumbura ritanga amazi meza ryongera rihimiriza abantu kwitwararika isuku.

Umva aho hejuru ikiganiro yagiranye na Florentine Kwizera.