Nyamugigima ikomeye muri Maroc: abarenga 630 bamaze kumenyekana ko bapfuye

Imodoka yamenaguwe n'ibihomoka vyayikorokeyeko kubera iyi nyamugigima rutura

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imodoka yamenaguwe n'ibihomoka vyayikorokeyeko kubera iyi nyamugigima rutura
    • Umwanditsi, Na Laurence Peter
    • Igikorwa, BBC News

Nyamugigima (umutingito mu kinyarwanda) ikomeye yateye hagati muri Maroc mw’ijoro ryakeye, ihitana nibura abantu 632, nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati.

Ahabereye iyi nyamugigima ni mu misozi miremire izwi nka Haut Atlas/High Atlas, ku birometero 71 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Marrakesh.

Iyi nyamugigima yakubise isaha zitanu n’iminota 11 z’ijoro (23:11) mu masaha yo muri ico gihugu, ni ukuvuga isaha zitandatu n’iminota 11 z’ijoro mu masaha ya Gitega na Kigali, haciye iminota 19 naho hasubira kwumvikana utundi twa nyamugigima dukurikiye iyo nkuru dufise igipimo ca 4.9.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bumenyesha ko abantu bapfuye i Marrakesh no mu tundi turere tutari duke amaja mu bumanuko. Abenshi mu bapfuye bazwi ko ari ababa mu turere two mu mitumba ya kure.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko abantu bapfuye mu ntara no mu bisagara vya al-Haouz, Marrakesh, Ouarzazate, Azilal, Chichaoua na Taroudant, bukongerako y'uko abandi nibura 329 bakomeretse.

Amashusho atashoboye guhinyuzwa yacishijwe ku mbuga hwaniro yerekana amazu yabomaguritse, ayandi ariko arazungazunga, ibihomoka vyuzuye amabarabara. Abantu baboneka bariko barahunga n’umubabaro bamwe nabo bagenda baca mu bicu vy’ivumbi.

Hari kandi amakuru avuga ko hari imiryango izibiriwe mu bihomoka vy'amazu yayo, kandi ko n'igice ca Medina ikigo ndangamuco ca Unesco muri Marrakesh cononekaye.

Ibitaro vyo muri ico gisagara biriko vyakira abantu benshi bakomeretse, abategetsi bakaba batera akamo abanyagihugu gutanga amaraso.

Amazu amwe amwe yo mu gisagara ca Marrakesh yabomotse, nk’uko umwe mu basanzwe bahaba yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters. Amashusho atari make kuri X yerekana amazu ariko arasenyukira hasi, ariko BBC ntiyashoboye kumenya neza ah’ari ho.

Umusigiti wa kera wononekaye muri iki gisagara ca kera ca Marrakesh

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umusigiti wa kera wononekaye muri iki gisagara ca kera ca Marrakesh
Abanyagihugu baba muri Casablanca bahunze imihana yabo mu mwiheburo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu baba muri Casablanca bahunze imihana yabo mu mwiheburo
Abantu baciye bava mu mazu yabo i Rabat inyuma y'iyi nyamugigima

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abantu baciye bava mu mazu yabo i Rabat inyuma y'iyi nyamugigima

Bivugwa ko abanyagihugu bafashe ingingo yo kuguma hanze y’imihana yabo mu gihe hoba utundi twa nyamugigima dukomeye twokwaduka nk’inkurikizi y’iki ca mbere.

Uwundi mugabo aba muri ico gisagara ca kera arasigura ingene yumvise “isi inyiganyiga cane” abona kandi “amazu ariko agenda”.

"Abantu bose bari baguye igihumura kandi batekewe n’ubwoba. Abana bariko bararira abavyeyi nabo bataye umutwe”, niko Abdelhak El Amrani yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP.

Avuga ko umuyagankuba n’amaterefone vyacitse mu kiringo c’iminota cumi.

Insiguro ya video, Raba ingene ino nyamugigima y'igipimo ca 6.8 yageseje Maroc

AFP ivuga kandi ko umuryango umwe wazibiriwe mu bihomoka vy’inzu – kandi ko abatari bake muri ico gisagara bajanwe mu bitaro.

Iyi nyamugigima yumvikanye kandi no ku mugwa mukuru Rabat, ku birometero vyababa 350 uvuye aho yabereye, hamwe kandi no mu bisagara vya Casablanca na Essaouira.

Inyubakwa zibayabaye zo mu bigwati vyo mu misozi hafi y’ahabereye iyi nyamugigima zifise kuba zitashoboye gukira, bigashobora gufata igihe kitari gito kugira ngo hamenyekane abapfuye canke bakomeretse kubera ari kure.

Mw'ikoraniro rya G20 (umurwi w'ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw'isi) i Delhi mu Buhindi, umushikiranganji wa mbere w'iki gihugu Narendra Modi yavuze ko amakungu akwiye gufasha Maroc.

Umukuru wa Reta y'Ubudagi Olaf Scholz asanzwe ari muri iri koraniro, yavuze ko iyi nyamugigima ari "akaga" kandi ko yifatanije n'abahuye nayo.

Morocco