Umushikirizamanza kuri ''al-Shabab'' yishwe muri Uganda

Ahavuye isanamu, Reuters
Joan Kagezi, umushikirizamanza mukuru mu rubanza rw'abantu 13 bagirizwa uruhara mu gitero ca al-Shabab , yishwe arashwe ku murwa mukuru Kampala.
Madame Kagezi yishwe n'abantu bafise inkoho bari kw'ipikipiki igihe yariko arataha imuhira ku wa mbere , nk'uko abategetsi babivuga.
Urubanza rwaciye ruba rurahagaritswe. Ico gitero c'umwihevyi mu 2010 i Kampala caguyemwo abantu 76 bariko bararorera urukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru.
Ku ndwi iheze, ibiro vy'uwuhagarariye Amerika muri Uganda vyari vyaburiye ico gihugu ko hashobora kuba igitero c'iterabwoba muri ico gihugu.
Madame Kagezi, umushikirizamanza mukuru w'igihugu, niwe yari arongoye umugwi w'abashikirizamanza ujejwe kurwanya iterabwoba hamwe n'igisata c'ivyaha vyo mu ntambara.
Umuvugizi w'igipolisi i Kampala Patrick Onyango yavuze ati: ''bariko baramukurikira bari kw'ipikipiki...baramurashe arapfa''.
Madame Kagezi yarajanywe mu bitaro bikuru ku murwa mukuru ariko yapfuye atarashikayo.
Umunyamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga avuga ko ubu bamwe mubanye Uganda bibaza niba yari acungerewe umutekano bikwiye.
Ku ndwi iheze, Amerika yari yavuze ko ''yaronse amakuru y'uko hashobora kuba ibitero'' mu bice bimwe bimwe vy'igisagara ahahurira abanyabulaya. Muri leta ya Uganda bavuga ko Amerika yari yababuriye ko hashobora kuba umwihevyi yari kugerageza kwinjira mu gihugu.
Umuvugizi avuga ko Uganda igeramiwe kubera ari kimwe mu bihugu bifise ingabo nyinshi mu rwego rwa Africa rwo gucungera amahoro muri Somalia.










