‘Vyanka vyakunda’ Mohamed Salah azoguma muri Liverpool

Mohamed Salah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umusatirizi wa Liverpool Mohamed Salah avuga ko "ivyo ari vyo vyose" mu mwaka w'inkino uza azoba ari muri Liverpool, ariko ko adashaka kujanwa mu mpari z'amasezerano mashasha.

Amasezerano ya Salah azorangira muri Ruheshi (6) 2023, ibituma haduka amajambo menshi ko ashobora kugurishwa mu gihe atotera igikumu ku masezerano mashasha kuko inyuma y'umwaka yoca yigira ahandi ata rufaranga na rumwe aguzwe.

Abajijwe kuri kazoza kiwe imbere y'urukino rwa nyuma rwa Ligue des Champions/Champions League ku wa gatandatu, avuga ati: "Si nshaka kuvuga kuri ibi bintu.

"Ico nipfuza ni ukubona Hendo [Jordan Henderson] ateruye igikombe".

Uyu musatirizi w'umunyamisiri w'imyaka 29 avuga kandi ati: "Sinitaho ivy'amasezerano ubu. Si nshaka kwigungirako.

"Ivyo ari vyo vyose ndacari ng'aha mu mwaka uza w'inkino".

Mugenziwe Sadio Mane, wewe avuga ko azoshikiriza ingingo ku bijanye na kazoza kiwe inyuma y'urukino rwa nyuma na Real Madrid i Paris.

Uyu mukinyi mpuzamakungu wa Sénégal amaze kwinjiriza ibitsindo 120 mu nkino 268 amaze gukinira Liverpool, na we nyene mu kwa gatandatu yinjira mu mezi 12 ya nyuma y'amasezerano yiwe.

Mohamed Salah yinjirije Liverpool ibitsindo 31 muri uno mwaka w'inkino mu gihe Sadio Mane yinjije 23

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mohamed Salah (i bubamfu) yinjirije Liverpool ibitsindo 31 muri uno mwaka w'inkino mu gihe Sadio Mane yinjije 23

Yabwiye imboneshakure Sky Sports News ati: "Iki kibazo [kuri kazoza kanje] nzocishura inyuma ya Champions League. Nimba nzoguma aha canke ntazoguma aha, nzovyishura inyuma ya Champions League".

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp ntabona ko ibizova mu rukino rwo ku wa gatandatu ari rwo fatiro ku bakinyi bamwe bamwe mu gufata ingingo yo kwongereza amasezerano canke kuyahagarika.

Ati: "Oya, oya na gato. None, mu gihe twotsinda, boca bashaka kugenda ? Turiko turaganira n'abakinyi bose, ubu si igihe co kuvuga ibijanye n'ivyavuye muri ibi biganiro. Nta n'umwe azi ivyo turiko turategura.

"Gusa nta mwanya uhari, buri misi itatu turakina. Abakinyi barabizi, turabizi, rimwe na rimwe turahuza, ikindi gihe ntiduhuze, hanyuma rero tugakorera hamwe.

"Turazinanye kuva kera".

Salah yinjiye muri Liverpool avuye muri Roma mu 2017 akaba amaze kwinjiza ibitsindo 156 mu nkino 253 amaze gukinira Liverpool.

Yarafashije uyu murwi gutsindira ihiganwa ry'Ubwongereza (Premier League) mu 2019-2020, igikombe c'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) mu 2019, igikombe FA Cup hamwe n'igikombe c'ihiganwa (League Cup) uno mwaka w'inkino, igikombe c'isi yose gihuza imirwi yabaye iya mbere (FIFA Club World Cup) be n'igikombe ca Uefa Super Cup mu kiringo amaze muri Liverpool.

Mu kwa gatatu, Klopp yavuze ko Salah ari we wenyene azofata ingingo ku vyerekeye gutera igikumu ku masezerano mashasha.

Uyu musatirizi yahoze akinira Chelsea aherutse kuvuga ko ashaka kuguma muri Liverpool, ariko ko kazoza kiwe kari mu minwe y'uyu murwi kandi ko atariko arasaba "ibitagenda".

Ku wa Mungu, Liverpool yarangije ihiganwa ry'Ubwongereza isumbijwe inota rimwe ritarenga ntirirenguke na Manhester City, ivyarangije ibizigizigi bari bafise vyo gutsindira ibikombe bine mu mwaka w'inkino umwe, ibitarigera bibaho mu Bwongereza.

Urukino rwo ku wa gatandatu ruzoyihuza na Real Madrid i Paris mu Bufaransa ruzokwibutsa urundi rwa Champions League rwo mu 2018 aho uyo murwi wo muri Espagne watsinze 3-1, Salah akaba atarurangije kubera yavunitse mu gice ca mbere agonganye na Sergio Ramos mu buryo bwateje impari nyinshi.

Salah yongerako ati: "Numva mfise ishaka, ishaka ryinshi cane, inyuma y'ivyabaye igihe giheze [mu rukino rwa nyuma rwa 2018], kandi ku wa Mungu - bose bafise ishaka kuri iki".

"Iki turakirwanira kandi bose barabishashaye".