Mohamed Salah: Icamamare ca Liverpool yakorewe ikibumbano muri Madame Tussauds

Mohamed Salah with his waxwork

Ahavuye isanamu, Madame Tussauds

Insiguro y'isanamu, Kuri ico kibumbano co mw'ishashara ca Mohamed Salah yambaye costume isa n'urubu (cream) yari yambaye ku rupapuro rwa mbere rw'ikinyamakuru GQ Middle East magazine

Umukinyi w'icamamare wa Liverpool Mohamed Salah yavuze ko "wundi we nyene" mu kibumbano c'ishashara (ubujeni) ari "umuhezagiro".

Hafashwe ibipimo vy'uko angana n'mafoto amajana kugira uwo mukinyi w'imyaka 29 akorerwe ikibumbano gisa nka we neza na neza.

Salah yavuze ati umenga ni "nko kwiraba nkibona jewe nyene mu kiyo" igihe yabona ico kibumbano c'ishashara mu nyubakwa ndangakaranga ya Madame Tussauds i Londres (London).

Uwo rutahizamu (umukinyi w'imbere) akomoka mu Misiri, mu mpera z'indwi iheze umumenyereza wiwe Jurgen Klopp yamuvuze nk'umukinyi "wa mbere mwiza" kw'isi.

Salah yarabaye urumuri mu mupira w'amaguru mu Bwongereza kuva ashika muri Liverpool mu 2017, akaba yaciye umuhigo wo kwinjiza ibitsindo vyinshi mu nkino 38 yinjijemwo ibitsindo 32 mu kiringo ca 2017-2018.

Kuva ico gihe yarafashije uwo mugwi gutsindira ubugira gatandatu igikombe ca Champions League, hamwe n'igikombe cawo ca mbere muri Premier League.

Salah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Salah ubu niwe mu kinyi wa Liverpool wa mbere mu kwinjiza ibitsindo vyinshi muri Champions League ku bitsindo 31 , akaba arusha kimwe Steven Gerrard

Salah yavuze ko ari "umuhezagiro kwemerwa no kugirwa uwutazokwigera apfa" kubera ico kibumbano.

Yavuze ati: "Sinavyumva igihe nahagarara impande 'yanje', umenga ni jewe ndiko ndibona mu kiyo. Si je nzobona ndabonye ico abafana banje babivugako."

Ico kibumbano ca Salah cambaye ikoti ry'bara ry'urubu (cream) yari yambaye kw'ifoto iri ku rupapuro rwa mbere rw'ikinyamakuru GQ Middle East magazine, akaba atunze intoke hejuru nk'uko abikora iyo ariko arigina ahejeje kwinjiza igitsindo.

Tim Waters, umuyobozi mukuru mu nyubakwa ndangakaranga ya Madame Tussauds i Londres, yavuze ko Salah ari "umwe mu bantu bakomeye cane muri urwo rukino, ashobora kuba ari nawe wa mbere kw'isi muri iki gihe, gutyo akaba vy'ukuri yari akwiriye ikibumbano".

Yongeyeko ati: "Turazi neza ko abantu benshi bari biteze kubona ikibumbano ca Mo cakozwe ari mu mwambaro wa Liverpool, ariko twashatse kwerekana ikirenga c'igihagarararo ciwe mpuzamakungu".

Abafana bashobora gutangura kubona ico kibumbano kuri uyu wa gatandatu.

Ibitsindo bibiri vya Salah bakina na Atletico Madrid muri Champions League ku wa kabiri vyatumye aba umukinyi wa mbere muri kahise ka Liverpool yinjije yikurikiranya mu nkino icenda mu mahiganwa yose.

Presentational grey line