Idrissa Gueye yanse gukina yambaye impuzu ya PSG ishigikira aba LGBTQ+

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wa Paris St-Germain Idrissa Gueye yanse gukina mu kwanka kwambara impuzu iriko ikimenyetso c'umunywamazi mu ntumbero yo gushigikira uburengenzira bw'aba LGBTQ+ nk'uko BBC yashoboye kubimenya.
Uwo mukinyi w'imyaka 32 yahoze akina hagati muri Aston Villa na Everton ntiyari mu rukino rwo ku wagatandatu batsinzemwo Montpellier ibitego 4-0.
Umumenyereza wa PSG Mauricio Pochettino yavuze gusa ko Gueye atakinye ku "mpamvu ziwe bwite".
Bivugwa ko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa (FFF) ryandikiye Gueye kugira asigure impamvu atakinye.
BBC Sport yegereye abahagarariye inyungu za Gueye kuri ico kibazo.
Umukinyi wa Crystal Palace Cheikhou Kouyate n'uwa Watford, Ismaila Sarr barungitse ubutumwa ku mbuga hwaniro mu cabonetse nko gushigikira mugenzi wabo.
Kouyate yashize ifoto kuri Instagram ari kumwe na Gueye, yanditseko ngo "umugabo nyawe". Umukinyi wo ku ruhande wa Watford yashizeko ifoto yiwe na Gueye ayikurikiza ibimenyetso vy'imitima aca yandikako ngo "100%".
Mu kwishura ku butumwa bwa Sarr, Watford yashimangiye ku bunganangane no ku budasa, yongerako iti "ibi bikaba birimwo n'ubushake bwo kwigisha no guhanura uwo ari we wese mu bakozi babo".
Kugiriranira imigenderanire ishingiye ku gitsina n'abo mugisangiye ntibirekuwe muri Senegal, kandi birahanishwa igipfungo co gushika ku myaka itanu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku mwaka ugira kabiri yikurikiranya, imigwi yo mu Bufaransa yarahamagariwe guhimbaza itariki ya 17 z'ukwezi kwa gatanu wahariwe kugwanya ikumira ry'abafitaniye ubucuti bufatiye ku gitsina kandi bagisangiye, mu kwambara impuzu ziriko inomero zanditse mu mabara y'umunywamazi mu mugongo.
Uretse kudakina urukino rwo ku wa gatandatu batsinzemwo Montpellier, Gueye, yashitse muri PSG mu kwezi kw'indwi mu 2019 aguzwe imiliyoni 30 z'ama Euro, yaranasivye urukino nk'urwo mu mwaka uheze avuga ko agwaye mu nda, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca Le Parisien, ryavuze ubwa mbere icatumye adakina.
Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP rivuga ko ku musi wa gatatu ryabonye ikete rivuye mu kanama kajejwe kugenzura inyifato mw'ishirahamwe FFF risaba Gueye kwisigura impamvu atakinye mu rukino rwo ku wa gatandatu.
Iryo kete, nk'uko AFP ivuga, rimuhamagarira "gusaba ikigongwe ku mugaragaro", canke avuge ko ivyo bivugwa ku mpamvu yanse gukina ko "ata shingiro bifise".
Bivugwa ko iryo kete ryongeyeko ko nimba yaranse gukina bishobora gufatwa " nk'inyifato y'ikumira".
PSG yavuze ku musi wa gatatu ko "bishimira kwambara izo mpuzu".
Yongeyeko:"Rurangiranwa mu mupira w'amaguru, ku musi wa gatandatu bari ku kibuga baranerekana ishaka ryo kugwanya ikumirwa ry'abafitaniye ubucuti bushingiye ku gitsina bagisangiye hamwe n'irindi kumira iryo ari ryo ryose."
Inyifato ya Gueye yarashigikiwe n'ibihangange muri politike mu gihugu ca Senegal.
Prezida w'ico gihugu Macky Sall yanditse kuri Twitter ko ukwemera kwa Gueye nk'umu Islam gutegerezwa kwubahirizwa, mu gihe umushikiranganji wo kwinonora imitsi na we Matar Ba yanditse ko Gueye ashigikiwe n'abanye Senegal aho yashizeko ifoto y'uyo mukinyi wo hagati ari mu rugendo rweranda ima Maka.






