RD Congo: Kwinyegeza mu mataba y'umusozi uhunga abitwaje ibigwanisho

Child

Ahavuye isanamu, Unicef

Abantu baharugwa mu bihumbi n'ibihumbi bateshejwe izabo bakoraniye mu mataba y'umusozi mu ntara ya Ituri mu buseruko bwa Repubrika ya Demokrasi ya Congo (RD Congo).

Aho bagiye kurondera aho bikinga intureka idahera y'ibitero bimaze imyaka n'iyindi bihanze ako karere.

Muri ako kajagari babamwo, harimwo abana basigaye ari impfuvyi, nabo bateshejwe izabo, ubu birirwa barabona amahano akorerwa mu maso yabo.

Mu baba muri iyo kambi iri mu mataba y'umusozi harimwo umwana w'umuhungu w'imyaka 14 yashitse ngaho wenyene ahunze igitero. Twamwise Blukwa mu gukingira umwidondoro wiwe.

Blukwa n'umuryango wiwe bari bamaze guhunga urugo rwabo kabiri igihe umugwi witwaje ibigwanisho watera ikambi barimwo.

Ati: "Nariko ndakina n'abandi bana hanyuma sinamenya iyo abavyeyi bahungiye."

Igitero gitanguye we n'umugenzi wiwe barirutse baja kurondera aho binyegeza, ariko uwo mugenzi ntiyashobora kunyaruka, aca arafatwa yicwa bunyamaswa.

We ati "Naciye mbandanya kwiruka jenyene."

Muri ico gitero haciye hicwa abantu 12 barimwo abana batandatu.

Inyuma y'ico gitero, Blukwa yaciye aja muri iyo kambi yo mwitaba ry'umusozi wenyene.

Yamaze amayinga atari make abana n'uwundi muryango nawo wahunze wamwakiriye, mu nyuma araruha aratorana n'abavyeyi biwe.

Nyina wiwe, yari yabwiwe ko umwana wiwe yishwe muri ico gitero, yaranezerewe cane no kumubona akiri muzima.

Mw'ijwi ryuzuye ikigumbagumba yavuze ati: "Nasanze ari umugenzi wiwe [yishwe]. Naranezerewe no gutora umuhungu wanje."

refugee camp

Ahavuye isanamu, Unicef

Ku bwa ONU, abantu bashika imiriyoni zitandatu barateshejwe izabo muri RD Congo.

Ico gitigiri ni kimwe muri binini cane kw'isi vy'abantu bateshejwe izabo, hamwe no muri Afghanistan, Yemen, Syria na Ukraine.

Benshi muri abo bateshejwe izabo bari mu ntara zo mu buseruko za Kivu y'Epfo, Kivu ya Ruguru na Ituri.

Aho uhasanga imirongo y'amakambi y'abateshejwe izabo, yahebwe kubera ibitero vy'abitwaje ibigwanisho - ibitero biba kenshi cane gushika aho bisigaye bimeze nk'ibisanzwe.

Ubuseruko bwa DR Congo burangwamwo amajana y'imigwi yitwaje ibigwanisho, imaze imyaka ishika 30 iyogoza ako karere. Mu yizwi cane harimwo Codeco, M23 na ADF ubu yishamitse kuri wa muhari wiyitirira idini rya Islam (Etat Islamique/Islamic State).

Iyo ntureka ikongerezwa n'urusobekerane rw'imvo zirimwo amatati y'amoko, ibibazo vya poritike, hamwe rero n'ukurwanira ubutunzi bw'ubutare canke amabuye y'agaciro vyiraye muri ico gihugu.

Ibihugu bibanyi nk'Urwanda biragirizwa gukorana n'iyo migwi ariko Urwanda rurabihakana.

Inyungu z'ubudandaji nazo ziravugwa mu bikongereza iyo ntureka.

Mu kwezi guheze, Reta Zunze Ubumwe za Amerika (USA) zarafatiye ibihano Umubirigi acuruza inzahabu Alain Goetz hamwe n'amakompanyi bakorana kubera kwagirizwa kuvana muri Congo mu nzira zitemewe n'amategeko inzahabu ziciye za miriyoni z'amadorari.

Amerika yavuze ko urwo rudandazwa ruciye mu nzira zitarizo rutuma imigwi yitwaje ibigwanisho ironka uburyo, bigatuma amahoro n'umutekano bigeramirwa muri ico gihugu. Goetz yarahakanye ivyo avugwako.

Playing football

Ahavuye isanamu, Unicef

Insiguro y'isanamu, Uko bimeze kwose , Blukwa araronka akanya ko gukina umupira n'abagenzi biwe bashasha

Mu nzira yo kugerageza kurangiza iyo ntureka, umukuru wa DR Congo Félix Tshisekedi haheze hafi umwaka ashize intara za Kivu ya Ruguru na Ituri mu bihe bidasanzwe, aho hasigara hakora ubutegetsi bwa gisirikare gusa.

Ariko izo ngingo nta kinini zafashije mu kurangiza ikibazo c'umutekano muke muri ako karere.

Muri iyi minsi ya vuba, ibitero vyarasubiriye kwongereza umurindi, bituma abantu bongera gusubira guta ingo zabo.

Harishwe abantu basanzwe baharugwa mu mirongo, abasirikare ba reta na cenda mu ngabo za ONU zijejwe gucungera amahoro muri Congo.

Muri iyo ntureka ibandanya yiyongera, umuyobozi nshingwabikorwa wa Unicef, Catherine Russell, yaragendeye ikambi Blukwa abamwo muri Ituri.

Yavuze ingene yumiwe no kubona ikambi nini gutyo kuri uwo musozi utotahaye igihe yariko ahaca hejuru mu ndege.

Avuga ati: "Iyo kambi ni nini cane kandi iri ahantu hagoye gushika, ariko ivyo babigize babibona kuko umwe umwe wese yibaza ko hatekanye kuruta kandi ari kure y'imigwi ishobora kuyitera".

Abantu bashika 50.000 ubu nibo baba muri iyo kambi aho amazi agoye kuronka, hari isuku rike kandi ntihagira uburyo bwo kwitaho amagara y'abantu. Kubaho biragoye cane, ariko no kuhava bibangamye kurusha. Kuja gusoroma bishobora kuvamwo urupfu kuko iyo migwi yitwaje ibigwanisho izwi kwama iteze uwushitse kure gato, n'ubwo ikambi y'ingabo za ONU zicungera amahoro itari kure y'aho.

Muri ako kajagari, Blukwa araronka akanya ko kubaho nk'abandi bana.

Ati: "Iyo mfise akanya, ndaja gukina umupira w'amaguru.

"Turegeranya amasashe tukaboha n'imigozi tugakoramwo umupira wo gukina. Rimwe rimwe hari igihe dukina amakarata."

Mu buzima yifuza ko umunsi umwe yoba umuganga.