FARDC ivuga ko yafashe abarwanyi b'umuhari RED Tabara, nawo ukabihakana

Insiguro y'amajwi, FARDC ivuga yuko imaze iminsi ifata abarwanyi b'umugari RED Tabara

Ingabo za Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, FARDC, zivuga ko zataye muri yombi abantu bashika ku 30 zemeza ko ari Abarundi bambutse urubibe mu ntumbero yo guhungabanya umutekano no kwinjira mu mitwe y'inyeshamba mu gace ka Rusizi mu buseruko bw'igihugu.

Umuvugizi w'igisirikare ca Kongo mu ntara ya Kivu y'epfo, Majoro Dieudone Kasereka, yanavuze ko igisirikare cataye muri yombi abarwanyi batanu b'umugwi RED Tabara.

Prudent Nsengiyumva yavuganye na Majoro Kasereka atangura amubaza uko vyagenze n'igihe vyabereye. (Umva aho hejuru ico kiganiro)

Hagati aho, nyuma yo kwumva ibivugwa n'igisirikare ca Kongo, FARDC, twashatse kumenya ico RED Tabara ibivugako.

Umuvugizi wayo, Patrick Nahimana, yabwiye Florentine Kwizera ko abo bantu igisirikare ca Kongo kivuga ko cafashe atari abarwanyi bayo. (Kanda ngaha wumve ico kigairo)