RED Tabara ihakana ko ata murwanyi wayo yafashwe na FARDC
Nyuma yaho igisirikare ca Republika ya Demokrasi ya Kongo kivugiye yuko cafashe abarwanyi b'umugwi w'inyeshamba zirwanya leta y'u Burundi, RED Tabara, uwo mugwi wavyiyamirije.
Umuvugizi wa RED Tabara, Patrick Nahimana, yabwiye Florentine Kwizera ko abo bantu igisirikare ca Kongo kivuga ko cafashe atari abarwanyi bayo.