Intambara ya Ukraine: Ibihugu vya Africa biriko biterwa igitsure ku kutagira aho bihagaze

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mw'ishirahamwe ONU avuga ko ibihugu vya Afrika bidashobora kubandanya vyerekana ko ataho bihagaze ku ntambara ya Ukraine.

Avugana na BBC, Linda Thomas-Greenfield yavuze ko mu matora yo kwiyamiriza igitero ca Ukraine yabereye mu nama ya bose muri ONU iheruka, ibihugu 17 vyose vya Afrika vyanse kugira uruhande vyegamiye, nayo umunani bindi navyo bihitamwo kudatora.

Thomas-Greenfield avuga ko ata rubuga rw'abatagira aho begamiye rushobora kubaho, mu gihe iyi atari intambara y'ukwikekana (Guerre froide/Cold War) hagati y'ibihugu vy'Uburengero n'Uburusiya.

Umupfanosi Thomas-Greenfield avuga ko Amerika iriko irahiga ahandi ibihugu bisanzwe bigurira mu Burusiya bishobora kuguriramwo ivyo bisanzwe bivana hanze.

Uyu aserukira Amerika muri ONU avuga kandi ko Amerika ishigikiye icipfuzo ca Afrika y'Epfo co guhuza Ukraine n'Uburusiya.

Mu matora yabereye mu nama rusangi idasanzwe ya ONU yabaye ku wa 02 z'uku kwa gatatu, mu bihugu 193 bigize iri shirahamwe mpuzamakungu ibihugu 141 vyashigikiye iki cemezo, 35 biranka kugira uruhande vyegamira, bitanu biragihakana, mu gihe hari ibindi bitatoye.

Uburundi bwashimye kutagira aho buhagaze, mu gihe Urwanda rwemeje iki cemezo. (tugomba kukivuga, ndibaza ko ari icyo gushyira mu kato Uburusiya no kwamagana iyi ntambara)

Ibindi bihugu bitashatse kwerekana aho bihagaze ni Afrika y'Epfo, Algeria, Uganda, Senegal, Sudani, Sudani y'Epfo, Mali, Mozambique, Namibia, Angola, Zimbabwe, Guinée équatoriale, Centrafrique, Madagascar, Tanzania na Congo.

Igihe atangaza ko Afrika y'Epfo yasabwe kugira uruhara muri iyo ntambara, Perezida Cyril Ramaphosa yavuze ko igihugu ciwe canse kugira uruhande cegamiye kubera "iki cemezo kitashize imbere ivyokworohereza impande zompi", congera cagiriza Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kunanirwa mu mabanga yayo yo kubungabunga amahoro n'umutekano.

Uganda yoyo yavuze ko yirinze kugira uruhande yegamira kugira yubahirize kuba hagati na hagati kuko ariyo igiye kurongora ishirahamwe ry'ibihugu bidafise aho vyegamiye, rizwi nka Mouvement des non-alignés/Non-Aligned Movement, NAM, rihurikiyemwo ibihugu 120 bikiri mu nzira y'amajambere.