Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Uko Umunyarwanda yayihunze agashika mu Bubirigi
Intambara Uburusiya bwagavye ku gihugu ca Ukraine yakoze kuri benshi baba muri ico gihugu hatibagiwe abanyeshure b'abanyamahanga barimwo n'abava mu gihugu c'u Rwanda.
Iminsi 14 irakwiye umunsi ku wundi igisirikare c'Uburusiya gisuka ibisasu ku miji myinshi ya Ukraine ari nako hononekara vyinshi hakaba n'abahasiga ubuzima.
Iyo ntambara iramaze gutuma abantu barenga imiriyoni zibiri bahunga Ukraine, nk'uko bitangazwa na UNHCR. Berekeza mu hihugu bibanyi vya Ukraine, benshi kababa bashikira mu gihugu ca Pologne.
Muri ico gihugu nyene niho umunyeshure w'Umunyarwanda, Fred Mupenzi, akaba n'uwuserukira ishirahamwe ry'Abanyarwanda baba muri Ukraine, yashoboye guhungira iyo ntambara rugikubita.
Ubuzima muri Ukraine
Avugana na BBC, Fred Mupenzi yavuze ko yari amaze imyaka itanu muri Ukraine mu muji wa Lviv, aho yari mu mwaka wanyuma w'amashure ajanye n'ivy'amabanki, urudandaza rw'amafaranga hamwe n'ubwishingizi.
Fred avuga kandi yuko kiretse kwiga, yaranakora akazi ko kwunguruza abantu n'umuduga wa taxi akanakora muri restaurant.
Avuga ku kuntu vyagenze kugira ave mu muji wa Lviv, Fred yagize ati: "Lviv gushika ubu niho hasigaye ubuhungiro kuko ntibaraharasa [...]. Kuko nari mpagarariye abandi Banyarwanda naramenye amakuru y'ukuntu bimeze mu yindi miji.
"Nk'umuntu, nategerezwa kugira ubwoba, nkavuga nti hano bihageze vyogenda gute? Niho twafata icemezo turavuga tuti reka tugerageze tuhave hakiri kare".
Fred abandanya avuga yuko yagiriye inama n'abari mu yindi miji kuba barahavuye bitarakomera kugira ntibize bigorane mu nyuma.
Aho i Lviv bari Abanyarwanda 12, hatangura kugenda bane hanyuma Fred ari kumwe n'abandi indwi bagenda mu nyuma.
Yabaye ingingo isa n'iyifashwe hageze kuko nko mu gihe ca saa kumi zo kuwa gatatu w'indwi iheze, imbere y'uko Fred n'abandi basigaye bafata urugendo, umuji ubegereye wa Ivano waratewe. Ico gitero ni co catumye baca bava Lviv n'ingoga.
Urugendo rutoroshe gushika Pologne
Batanguye urugendo mu muduga wa taxi wabatwaye nk'igihe c'isaha imwe, mu nyuma baza kubandanya n'amaguru gushika ku rubibe.
Fred agira ati: "Hari hakonje/hakanye kuko ibi bihugu birakanya [...] ni nk'aho ari bwo buzima bubi twari tugezemwo.
"Tukagenda n'amaguru, kandi ubwo twabwirijwe gusiga ibintu biremereye kuko hari igihe twambara amakoti aremereye kugira dushuhe. Waraba ikintu kiza kukworohera mu gihe uriko uragenda."
Fred Mupenzi abandanya avuga yuko mu guhunga batwaye utuntu tworoshe gutwara kuko n'ubundi iyo batwara vyinshi bari kubita mu nzira.
Haravuzwe amakuru menshi y'abirabure bariko barahunga bagakorerwa ivangura-rukoba n'abanya-Ukraine, mbere na za video zarashizwe ku mbuga nkoranyambaga zivyerekana.
Fred avuga yuko agishika ku rubibe ata bintu nk'ivyo vyari bihari kiretse ikintu cashitse aho habaye gutandukanya abantu.
Agira ati: "... habayeho ikintu c'uko bagize bati abenegihugu baje ku ruhande [rumwe] abanyamahanga baje ku [rundi] ruhande. Kandi ivyo vyaradufashije, vyatumye twambuka vuba.
"Ndakeka yuko iyo baza kudushira hamwe igihe nahamaze [atarico nari kuhamara] nari kuhamara nk'iminsi itatu, ine. Gusa, nyuma haje kuba ikintu novuga ko ari akavuyo, co kurwana, kutumvikana hagati y'abanya-Nigeria na barya basirikare baba barinze imipaka."
Kwakirwa muri Pologne
Fred agishika muri Pologne nta muntu n'umwe yari ahazi, umwe umwe wese yategerezwa kwironderera aho aba mw'ihoteli bikamutwara amafaranga menshi.
Ubuserukizi bw'u Rwanda mu nyuma bwararungitse abakozi babwo baza gufasha Abanyarwanda bahungira muri Pologne, ariko abo bakozi ngo bahashitse Fred yaramaze kwinjira.
Agira ati: "[Abo bakozi ba ambasade] bafasha bamwe bakabajana mu banyeshure bakabacumbikira, canke uwufise umuvandimwe amucumbikira canke incuti ikamucumbikira. Ariko twebwe tutari dufise abantu tuzi, twaja mw'ihoteli tukirihira."
Ukraine - Pologne - Ububirigi...
Fred ntivyamugoye gushika mu Bubirigi kuko yari afise uruhusha rw'inzira visa rwa Schengen yaherewe muri Pologne (akarere ka Buraya ugenda ufise visa imwe).
Ariko naho ubu ari mu Bubirigi atekanye, ntibirahera kuko bahawe iminsi cumi n'itanu gusa kugira babe baronse ico bakora bitagenze uko bagasubizwa mu Rwanda.
Ariko Fred avuga yuko nyuma y'imyaka ine yari amaze, gusubira mu Rwanda ubu kwoba ari uguhomba kuko yizera kuzoronka akaryo ko guheza amashure yiwe.
Kugira aronke ivyangomba vyo kuba arabaye mu Bubirigi, Fred avuga yuko yabwiwe kurondera ishure ariko iryo ashobora kubona kuri ubu ni ishure ry'ururimi rw'igi Flamand.
Hagati aho aracafise icizere c'uko bizohava bikunda agasubira muri Ukraine guheza amasomo yiwe ajanye n'ivyo amabanki.
Agira ati: "... ndiko ndiyumvira yuko ngize amahirwe bakampa iyo 'residence permit' (uruhusha rwo gutura) yo kuba nokwiga urwo rurimi, ndiyumvira yuko ico gihe boba bampaye cohera naronse iyindi 'residence permit' y'iyindi myaka myinshi.
"... noyibona nkazosubira Ukraine "kudefanda" (gukora ikibazo ca nyuma) kuko nariko ndarangiza [amashure].