Africa-Ukraine: Ingaruka z'intambara ziguma zigaragaza uko bukeye uko bwije

Gaz (umwuka) yo gutekesha (Liquified Petroleum Gas, LPG) yaduze igiciro muri Kenya gushika kuri 11 kw'ijana mu ndwi imwe gusa, mu gihe intambara Uburusiya bwateye muri Ukraine iriko iragira ingaruka ku biciro v'ibitoro kw'isi.

Ubu igiciro ca gaz yo gutekesha muri Kenya kimaze kuduga gushika kuri 50 kw'ijana mu kiringo c'umwaka, ubu kikaba congeye umuzigo ku banyagihugu bari bahanzwe n'uburyo bwagabanutse kubera ingaruka z'ikiza ca Covid.

Ubu igiciro co kwuzuza icupa rya gaz ry'ibiro 13 ciyongeyeko 11 kw'ijana muri iyi ndwi n'ukuvuga ko bica bisaba amafaranga angana n'ama dorari ($) 29.30 (hafi 60.000 mu marundi canke 30.000 mu manyarwanda) rivuye ku ma dorari 26.26 ku ndwi iheze.

Ubu icupa ry'ibiro 6 ryuzuzwa kuri $13.68 kare ryari kuri $12.43. Ni ikimenyetso ko ibihe biri imbere bitagiye kworoha ku bantu b'uburyo bubayabaye basanzwe bari bahanzwe n'ibiciro vy'ivyo kurya vyaduze cane.

Bitandukanye n'ibindi bikomoka ku bitoro nka essence, amazutu na kerosene, muri Kenya ibiciro vya gaz yo gutekesha ntibishingwa na reta, bisigura ko abaguzi baca bahura n'ingaruka uko ibiciro bihindutse kw'isoko mpuzamakungu.

Kuri uyu wa mbere igiciro c'ibitoro bitayunguruye caduze gushika ku $140 ku kagunguru (barril) kw'isoko mpuzamakungu.

Ibihugu vyinshi vya Afrika biramaze kuduza ibiciro vy'ibitoro.

Mu Rwanda havugwa kuduga kw'igiciro c'ibitoro...

No mu Rwanda kuva kuri uyu wa mungu hari ibiciro bishasha vy'ibitoro. Mazutu yavuye kuri 1.140Frw ija kuri 1.201Frw, essence iva kuri 1.225Frw ija kuri 1.256Frw.

Ariko abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko ibintu bishobora kwunyuka hamwe ihererekanywa ry'ivyo bitoro ryohungabana.

Rolake Akingube-Filani wo muri Africa Energy Chamber avuga ati: "Amaherezo ingaruka zizova i Buraya zishike muri Afrika aho ibiciro bishobora kuduga kurusha aho bigeze ubu."

Yongerako ati: "Dukeneye kurondera uburyo bwo kwikwiza ku bitoro muri Afrika. Aho niho dushobora kwihagararako habaye ihungrana nk'iryo muri kazoza."