Ukraine: Ingwano ishobora kurangira gute? Inzira zitanu zishoboka

    • Umwanditsi, Na James Landale
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vy'imigenderanire

Mu gipfungu/gihu c'intambara, biragoye kubona inzira yo gukomeza. Amakuru yo ku rugamba, iyo abakurukirana imigenderanire umenga ntibakivuga, agahinda k'abababaye n'abateshejwe izabo; ibi vyose birashobora kukurenga. Reka rero dufate akanya gato turabe iyo ingwano yo muri Ukraine iyo ishobora gutera igana. Zimwe mu nzira abanyaporitike n'abategekanya ivya gisirikare bariko baribaza ni izihe? Si benshi bokwemeza ko babona neza iyo ibintu bitera bija , ariko ibi ni bimwe mu bishobora kuba. Vyinshi ntibihumuriza.

Ingwano y'igihe gito

Kugira bigende uko, Uburusiya busohora inguvu nyinshi za gisirikare. Ibitero vy'ibisasu vya rutura na za roketi bikaraswa ata gutoranya. Inguvu zo mu kirere z'Uburusiya -gushika ubu ata ruhara rukomeye ziragira - ziragaba ibitero vy'indege bitema bigatongora. Ibitero vy'ikivunga vy'ubuhinga bwa none bw'ama ordinateurs (cyber attacks), bitota ibikorwa remezo bikuru bikuru vy'igihugu. Inzira z'inguvu (amatara, ibitoro) n'ugutumatumanako ziracibwa. Abantu benshi barapfa. N'ubwo bihagararako rugabo, Kyiv irafatwa mu minsi mike. Reta isubirizwa n'ubutegetsi bugendera mu kwaha kwa Moscou. Prezida Zelensky aricwa canke arahunga, aje muri Ukraine yo mu burengero canke mbere hanze y'igihugu, kugira ashinge reta yo mu buhungiro. Prezida Putin aratangaza ko atsinze ace avanayo ingabo zimwe ariko asigeyo izihagije kugira agume ahagenzura. Abantu ibihumbi n'ibihumbi baguma bahunga. Ukraine ica ihamvya Belarus mu kuba igikoresho ca Moscou.

Ibi ntacobuza ko bishoboka, ariko habanza guhinduka ibitari bike kugira ntibibe uko: ingabo z'Uburisiya zikora neza gusumba, kugomora izindi ngabo nyinshi, hanyuma agatima kadasanzwe ka Ukraine ko kwigwanira kakayoyoka. Putin ashobora guhindura ubutegetsi muri Ukraine no guhagarika ko yinjira mu muryango w'ibihugu vy'i Buraya. Ariko intwaro yose igendera ku murongo w'Uburusiya ntiyokwemerwa mu gihugu kandi ishobora guhangana n'ubugumutsi. Bigenze uko nta maragamo yoboneka kandi hokwama ubwoba ko intambara ishobora gusubira kwaduka umwanya uwari wo wose.

Kandi n'igihe ingabi z'Uburusiya zoshinga imizi mu bisagara vya Ukraine, kumbure vyozigora kuguma zihagenzura. Kumbure Uburisiya bishobora kubugora kuronka ingabo bukwiza muri ico gihugu kinini cane. Ingabo za Ukraine zica zitangura gukora nk'inyeshamba, zifise ishaka kandi zishigikiwe n'abanyagihugu. Ibihugu vya Buraya bibandanya kubaha ibigwanisho n'ivyo bijana. Hanyuma kumbure inyuma y'imyaka myinshi, kumbure n'ubutegetsi bwarahindutse i Moscou ingabo z'Uburusiya amaherezo zive muri Ukraine, zicurikiye kandi zuzuye amaraso, nk'uko imbere yaho zavuye muri Afghanistan inyuma y'imyaka cumi zirwanya intagondwa z'aba Islam.

Intambara ya Buraya

Birashoboka ko iyi ntambara irenga imbibe za Ukraine? Prezida Putin ashobora kurondera kugaruza bimwe mu bice vy'icahoze ari nk'ubwami bw'Uburisiya mu kurungika ingabo mu zahoze ari ibihugu bigize Ubumwe bw'aba Soviet nka Moldova na Georgia, ubu bitari mu muryango wo kwivunira umwanshi hamwe rwa Otan/Nato.

Ariko hashobora kuba n'ukwihenda ibintu bikunyuka.

Putin ashobora kuvuga ko ukuba ibihugu vya Buraya biha ibigwanisho ingabo za Ukraine ari igikorwa c'agasotoro gikwiye ingere ku yindi. Ashobora gukangisha kurungika ingabo mu bihugu vya Baltique- bisanzwe biri muri Otan- nka Lithuania, kugira ace inzira yo ku butaka yo gushika muri Kaliningrad.

Ivyo vyoba bibangamye cane kandi bishobora kuvamwo intambara na Otan. Hagendewe ku ngingo ya 5 y'amasezerano y'uwo muryango, igitero kuri kimwe mu bihugu biwugize, n'igitero kuri vyose.

Ariko Putin ashobora kugerezako agafata iyo nzira mu gihe yobona ko ariyo yonyene isigaye kugira ikize ubutegetsi bwiwe.

Hamwe yobona, kumbure ko agiye gutsindwa muri Ukraine, ashobora kwunyura ibintu. Ubu turazi ko uwo mutegetsi w'Uburusiya ashaka gusambura uko ibintu bisanzwe bitunganijwe ku rwego mpuzamakungu. Bifatiwe ngaho bishobora no kugenda gutyo ku bigwnaisho vya nucleaire. Muri iyi ndwi, Putin yatanze itegeko ko ibigwanisho vya nucleaire bishirwa ku rugero rwo hejuru rwo kumera magabo. Abaraba ibintu n'inbindi ntibibaza ko ivyo bisigura ko hagiye kuba ikoreshwa ryavyo canke ko ryimirije. Ariko kwabaye ukwibutsa ko Uburusiya bushobora gukoresha bimwe mu bigwanisho vya nucleaire ku rugamba.

Inyishu iciye mu mwumvikano w'imigenderanire (diplomacie)

Uko ibintu biri kwose, biracashoboka ko haba inyishu iciye muri diplomasi?

Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ati: "Ubu inkoho/imbunda nizo ziriko zirayaga, ariko inzira z'ibiganiro zitegerezwa kuguma zuguruye". Nta nkeka ibiganiro birakomeza.

Prezida Macron w'Ubufaransa yaravuganye kuri terefone na Putin. Abajejwe imigenderanire bavuga ko inzira zo kurondera inyishu ziguma zirungikwa i Moscou. Kandi mu biboneka nk'ibitangaje, intumwa za Ukraine n'Uburusiya zarahuye mu biganiro ku rubibe rwa Belarus. Bashobora kuba ata vyinshi bashitseko. Ariko kubona yemeye ko haba ibiganiro, Putin asa nibura n'uwemera ko bishoboka ko haba uguhagarika intambara kwumvikanyweko.

Ikibazo gihambaye n'ukumenya niba ibihugu vy'uburengarazuba bishobora gutanga ico abajejwe imigenderanire bita "off ramp", ijambo abanyamerika bakoresha bashaka kuvuga gusohoka uva mw'ibarabara rikuru (high way canke autoroute).

Abakurikirana ivy'imigenderanire bavuga ko bikenewe cane ko umutegetsi w'Uburusiya amenya ico vyosaba kugira ibihano vy'abanyaburaya bivanweho kugirango umwumvikano wo guhuma amaso nibura ushoboke.

Turabe bigenze uko. Ingwano igenze nabi ku Burusiya. Ibihano bitanguye gushegesha Moscou. Amajwi y'abadashaka ingwano atanguye kuba menshi mu gihe ibiziga vy'abagwa ku rugamba biguma bitahanwa ku bwinshi. Putin aribaza niba yasemuye bunini kuruta ubwo ashobora kumira. Asanga kubandanya intambara vyobangamira ubutegetsi bwiwe kuruta kwemera ibimaramare vyo kuyihagarika. Ubushinwa burahagurutse mu kwotsa igitutu Uburisiya kugira bwemere umwumvikano bugabisha ko butazogura ibitoro na gaz vy'Uburusiya budahosheje intambara. Putin aca atangura kurondera ingene yobisohokamwo. Hagati aho abategetsi ba Ukraine baguma babona ingene igihugu cabo kiriko kirasambura babona ko umwumvikano wa poritike ari mwiza gusumba kuguma bariko baratakaza ubuzima. Gutyo abajejwe imigenderanire baragiye ku kivi , amasezerano arabonetse. Dufate ko Ukraine yemeye ko Uburusiya aribwo buramutswa intara ya Crimee n'ibice vya Donbas. Putin nawe yemeye ubwigenge bwa Ukraine n'uburenganzira bwayo bwo gukomeza ubucuti na Buraya. Ibi bisa n'ibitoba. Ariko ntibisa n'ibiri mu rugero rw'ibitoshoboka aho intambara yasize umunyota n'urupfu.

Putin aravuyeho

Ku vyerekeye Vladimir Putin nawe ubwiwe. Igihe yatangura igitero, yatangaje ati: " Twiteguriye ibishoboka vyose."

None hamwe igishoboka kwoba uko atakaza ubutegetsi? Ariko ubu isi yarahindutse muri iyi minsi ya vuba ku buryo ivyo bintu ubu bishobora kwibazwa.

Professor Sir Lawrence Freedman, umwigisha w'iteka ku bijanye n'ingwano kuri kaminza ya Kings College, London, muri iyi ndwi yanditse ati: "Ubu bishoboka ko ubutegetsi buhinduka i Moscou co kimwe nk'uko bishoboka i Kyiv."

Kubera iki ashobora kuvuga ivyo? Kumbure Putin ariko aragwana ingwano y'akaga. Abasirikare ibihumbi vy'abarusiya barapfa. Ibihano vy'ubutunzi biraryana. Putin aratakaza ugushigikirwa n'abanyagihugu. Kumbure igihugu gishobora guhagaruka kigakora impinduka (revolution). Putin arakoresha ingabo z'igihugu mu kuzimaganya abateye kubiri n'imigambi yiwe. Ariko ivyo bihindukiye nabi ku buryo abatari bake mu ngabo z'Uburisiya, abaza imbere mu butunzi n'uburongozi bamuhindutse. Abategetsi ba Buraya bafatiye ngaho bati hamwe Putin yohava hanyuma hakaza umutegetsi yoroheje kuruta, ibihano vy'ubutunzi vyohava hanyuma imigenderanire igasubira kuba uko yahora. Harabaye itembagazwa ry'ubutetsi risheshe amaraso Putin akaba arahavuye. N'ubu nyene. Ibi bisa n'ibitoshika muri iki gihe. Ariko ntawovyigizayo burundu mu gihe abakuye inyungu mu butegetsi bwa Putin botangura kubona ko atagishoboye guzkingira.

Mu kurangiza umwihwezo

Muri izi nzira zose zishoboka, imwe ntituma iyindi itoba - zimwe zishobora gukorera rimwe kugira zitange inzira itandukanye. Ariko uko iyi ntambara izorangira kwose, isi yahindutse. Ibintu ntibizosubira kumera uko vyari bisanzwe bimeze. Imigenderanire y'Uburusiya n'ibindi bice vy'isi izoba iyindi. Ingene ibihugu vya Buraya bitegekanya umutekano bizosubirwamwo. Hagati aho amakungu azoba yongeye gusubira kubona ico indinganizo mpuzamakungu y'isi ishingiye ku mwidegemvyo n'amategeko yari ibereyeho.