Ukraine - Russia: Umukenguzamateka wa US yarakaje Abarusiya inyuma y'aho asabiye ko Putin yicwa

Umukenguzamateka wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika asaba ko mu begereye Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya hogira umwe muri bo amwica.

Lindsey Graham avuga ko inzira yonyene yorangiza igitero Uburusiya bwakoze kuri Ukraine ari uko hoboneka umuntu "agakuraho uyu mugabo".

Mw'itangazo yacishije ku rubuga rwa Twitter, uyu mukenguzamateka wo mu mugambwe w'aba Repubulika azwi ko atarya umunwa abaza nimba hatoboneka umuntu nka "Brutus" mu bantu ba Putin akamwirahira maze intambara igaca ihagarara.

Aya majambo yarakaje uwuserukira Uburusiya muri Amerika.

Umukenguzamateka Graham aserukira intara ya Caroline du Sud, yanditse ati: "Woba ukoreye igikorwa kidasanzwe igihugu cawe n'isi yose".

"Nta mu Brutus mu Burusiya? Nta Colonel Stauffenberg yoba ari mu gisirikare c'Uburusiya?"

Brutus yari umunyaporitike w''icahoze ari ingoma y'Abaromani (Empire Romain/Roman Empire) yishe Julius Caesar, mu gihe Koroneri (Colonel) Claus von Stauffenberg wo mu gisirikare c'Ubudagi azwi cane ko yagerageje kwica Adolf Hitler mu 1944.

Anatoly Antono aserukira Uburusiya muri Amerika avuga ko aya majambo "ari mabi cane kandi adashobora kwihanganirwa".

Avuga ko ata "muntu yari yiteze urwanko nk'uru ku Burusiya muri Amerika".

"Ni ibintu bitumvikana kwumva umukenguzamateka w'igihugu gishira imbere ko imico myiza ari yo ikwiye kuba 'inyenyeri' imurikira isi yose ashobora kwiyumvira ko iterabwoba ari yo nzira ya Washington yo gushika ku nyungu zayo ku rubuga mpuzamakungu".

Perezida Joe Biden wa Amerika ariyamiriza igitero c'Uburusiya kuri Ukraine mbere akaba yarafatiye ibihano abanyaporitike harimwo na Perezida Putin we nyene ubwiwe. Avuga ko Amerika izokingira ibihugu vya OTAN/NATO ariko akaba atazorungika ingabo muri Ukraine.

Ejo ku wa gatanu, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House Jen Psaki yashimangiye ko amajambo ya Graham adasigura na gato "aho reta ya Amerika ihagaze kandi ko atari amajambo ushobora kwumva mu kanwa k'umuntu uw'ari we wese akorera ubu butegetsi".

Amajambo y'umukenguzamateka Graham yashavuje kandi umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov.

Igihe yatera akamo Abarusiya bose kuba umwe, yavuze ati: "Ni vyo, muri ino misi hari abantu bashobora kuvuga ibisunitswe n'impemu, si bose bashobora kugira ubwenge buri ku murongo".