Ukraine-Russia: Ubudage n'Ubwongereza vyamaze gufatira Uburusiya ibihano vya mbere

Boris Johnston na Olaf Scholz mu nama i Munich itariki 19/02/2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubwongereza n'Ubudage vyagiye imbere mu gufatira ibihano Uburusiya

Umurongozi w'Ubudage, Olaf Scholz, yatangaje ko ahagaritse umugambi w'umuhora wa gaze uzwi nka Nord Stream Two mu karere ka Baltic.

Ibi ni nyuma y'aho Uburusiya butangarije ko bwemeje ukwikukira kw'intara zibiri ziyonkoye kuri Ukraine.

Ahagaritse intambwe zikenewe kugira umugambi w'uwo muhora ushobore kwemezwa icese.

Nord Stream Two ni umuhora wari witezwe kwongera bimwe biboneka gaze ishorwa mu Budage ivuye mu Burusiya ata handi irinze gucishwa.

Ibihugu bigize ishirahamwe rya Buraya biriko birakorera hamwe ngo bifate ingingo zo kubangamira inyungu z'Uburusiya, ingingo zizoshirwa mu ngiro mu turere twose tw'ishirahamwe.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson, yatangaje ivyo yise ibihano vy'intango ku mabanki atanu y'Uburusiya hamwe n'abatunzi batatu (Gennady Timchenko plus Boris and Igor Rotenberg).

Yabariye inama nshingamateka y'Ubwongereza y'uko imigambi ya Prezida Putin muri Ukraine itegerezwa kunanirana kandi bikagaragara ko yananiranye, ariko agabisha yuko imbere atari heza.

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov, kare yafashe minenerwe ibihano vy'Ubwongereza avuga yuko ari 'ikintu cari citezwe'.