Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coup d’Etat muri Burkina Faso : Lieutenant-Colonel Paul-Henry Sandaogo Damiba ni nde?
Umuhari 'Le Mouvement Patriotique pour la Sauvegarde et la Restauration' urongowe na Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damila. Ariko none uwo akuye ubutegetsi bwa prezida Roch Marc Kabore ni nde?
Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba w'imyaka 41, n'umusirikare mukuru mu bagwanira ku butaka muri Burkina Faso. Yahora arongoye intara ya gatatu ya gisirikare irimwo na Ouagadougou, umugwa mukuru.
Colonel Damiba yahoze ari mu basirikare bacungera umukuru w'igihugu, yahoze acungera ubuzima bwa Blaise Compaore, imbere y'uko bavana mu 2011 inyuma y'igumuka ry'igisirikare.
Mu 2015, ari mu basirikare bakuru biyamirije itembegazwa ry'ubutegetsi n'ico gisata nyene c'abasirikare bacungera umukuru w'igihugu, urwo rwego rukaba rwaciye rufutwa. Yarahamagawe nk'icabona mu rububanza kuko yari yavuganye umwanya muremure na Gen Djibril Bassole.
Kuva mu 2016, ari imbere mu ntambara yo kugwanya iterabwoba.
Yaragiye mu mahugurwa nka yose ahariwe ibisata vya gisirikare bidasanzwe. Yarananditse n'igitabo citwa: Armées ouest-africaines et terrorism : réponses incertaines?
Paul-Henri Damiba yararongoye ibisata vyinshi vya gisirikare harimwo Dori na Ouahigouya, intara yiziziwe n'ibitero.
Prezida wa Mouvement Patriotique pour la Sauvegarde et la Restauration biganye na Emmanuel Zoungrana, yahagaritswe itariki 8 z'uku kwezi kwa mbere 2022 yagirizwa gushaka kubangamira umutekano w'igihugu.