Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burkina-Sankara: Compaore agiye gucirwa urubanza kw'iyicwa rya Sankara
Blaise Compaore, yahoze atwara igihugu ca Burkina Faso, agiye kuzocirirwa urubanza kw'igandagurwa rya Thomas Sankara, nk'uko vyatanganjwe na sentare ya gisirikare.
Comapore yatenbagaje ku butegetsi Sankara mu 1987.
Yahungiye mu mahanga kuva mu 2014 inyuma yo kugerageza guhindura amategeko kugirango agume ku butegetsi.
Kuri uyu wa kabiri, sentare ya gisirikare yamushingishirije urubanza ku vyaha vyo ''kubangamira umutekano w'igihugu, gufatanya mu caha co kugandagura no kunyegeza ikiziga."
Abandi bantu 20 bari mu bagirijwe icaha hamwe n'uwo yahoze ari umukuru w'igihugu.
Sankara, bamwe batazira Che Guevera wo muri Afrika, yari indongozi ikundwa cane muri Burkina Faso na Afrika yose , ubu yahindutse nk'icitegererezo.