Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burkina Faso yasubiye guhakwa kubamwo coup d'etat
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati muri Burkina Faso yavuze ko bapfubije igikorwa co kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu ntango za kuno kwezi.
Yavuze ko umugwi w'abantu mirongo itatu bashigikiye uwahoze ari umukuru w'igihugu yabogojwe, Blaise Compaore, ari bo bari babiri inyuma.
Ngo bariko barategura gutera ibohero rya gisirikare ngo babohore abapfungiwe gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka uheze.
Bategerezwa guca baja gutera ikirimba c'umukuru w'igihugu.
Abo bagabo ngo bari mu rwego rw'abasirikare barinda uwahoze ari umukuru w'igihugu, urwo rwego rwari rugizwe n'abasirikare barenga ibihumbi cumi, ubu rukaba rwarasambuwe.
Abantu bashika cumi baratawe muri yombi.