Burkina Faso: Igisirikare gitangaza yuko cafashe ubutegetsi

Vyatangajwe kuri televiziyo ya leta n'umusirikare w'intwazangabo yaciye avuga ko leta n'inama nshingamateka bikuweko

Aho prezida Roch Kabore ari ntiharamenyekana, ariko iyo ntwazangabo yavuze ko abafashwe bose bari ahantu hari umutekano.

Kare, umugambwe uri butegetsi PMP wavuze ko Bwana Kabore n'umushikiranganji umwe wo muri leta yiwe bahatswe kugandagurwa bakarusimba.

Vyatangiye gute?

Amasasu yumvikanye mw'ijoro ryakeye mu micungararo y'ikirimba c'umukuru w'igihugu no mu makambi ya gisirikare atari make ku mugwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou mu kaguma k'abasirikare.

Bamwe mu basirikare basaba ibogozwa ry'ababarongoye, bongere bahamwe n'uburyo bukwiye bwo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.

Irahakana amakuru avuga ko habaye ukugerageza gutembagaza ubutegetsi, ni inyuma y'indwi yari ihaciye abasirikare 11 bahagaritswe bagirizwa gutegura gutembagaza ubutegetsi.

Ibinyamakuru vyo hanze bivuga ko Perezida Kabore apfungiwe mw'ikambi imwe ya gisirikare n'abasirikare bagumutse.

Ireresi yafashwe ku mugwa mukuru isa n'iyerekana imiduga ivugwa ko ikoreshwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu yuzuye ibitoboro vy'amasasu yatawe mw'ibarabara.

Umunyamakuru wa BBC Simon Gongo i Ouagadougou avuga ko igisagara gitekanya. Hagati aho, abasirikare bakikuje inyubakwa za televiziyo y'igihugu.

Ni mu gihe televiziyo y'igihugu yari yavuze ko amasasu yumvikanye ku makambi ya gisirikare ari akarwi k'abasirikare barakaye kateye uruhagarara, ko atari intambara yeruye canke itembagazwa ry'ubutegetsi.

Abanyagihugu amajana n'amajana bihaye amabarabara mu gushigikira ingabo, ivyatumye abategetsi bafata ingingo zo kubuza abantu gutembera mw'ijoro. Abari mu myiyerekano yo gushigikira izi ngabo baturiye inyubakwa y'ibiro vy'umugambwe uri ku butegetsi.

Amasasu yumvikanye ku makambi ya gisirikare ari mu burengero n'ubumanuko bw'umugwa mukuru, hamwe no kw'ikambi ijejwe gucungera ikirere hafi y'ikibuga c'indege gikuru.

Abasirikare 11 bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015 bapfungiwe muri iyi kambi iri mu burengero, izwi kw'izina rya Sangoule Lamizana.

Amasasu kandi yumvikanye ku makambi ya gisirikare mu bisagara vya Kaya na Ouahigouya biri mu buraruko bw'igihugu, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Aba basirikare bigumuye basaba ibitari bike harimwo:

  • Kubogoza umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare hamwe n'umukuru w'urwego rujejwe igendereza
  • Kurungika inzindi ngabo ku rubuga rw'intambara mu ntumbero yo kurwanya inyeshamba
  • Kwitaho neza inkomere za gisirikare hamwe n'imiryango y'abaguye ku rugamba.

Mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure, umushikiranganji wo kwivuna abansi Barthélémy Simporé yavuze ko habaye ivyo kurasana ku makambi makeya kandi ko ata kigo na kimwe ca reta catewe.

Jenerali Simporé yasavye abanyagihugu kubandanya n'ibikorwa vyabo vya misi yose, avuga ko reta izobandanya ibaha amakuru y'ingene ibintu bimeze hageze.

Gushika ubu ariko nta wuzi neza aho umukuru w'igihugu ari, ariko umushikiranganji wo kwivuna abansi yamirira kure ibiriko birazunguruka ku mbuga hwaniro ko yahagaritswe.

Ikigo cihweza ibijanye na internet NetBlocks kivuga ko bidakunda kwinjira ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ubwicanyi bwakozwe n'abikekwa ko ari inyeshamba mu kw'icumi na rimwe, aho abantu 53 bagandaguwe, bwongereje uburakari abanyagihugu bafise kuri reta, butuma kandi haba ubwoba ko igisirikare gishobora gufata ubutegetsi - nk'uko vyagenze mu gihugu kibanyi ca Mali mu kwa gatanu.

Ku wa gatandatu, abantu baharurwa muri mirongo barahagaritswe i Ouagadougou bagirizwa gutegura imyiyerekano itemewe yo kwiyamiriza reta bagiriza ko yananiwe no guhangana n'inyeshamba.

Perezida Kaboré, yahoze ari umunyamabanki n'umushikiranganji wa mbere, yashitse ku butegetsi atsinze amatora yo mu 2015.

Aya matora ni yo yari aya mbere kuva Blaise Compaoré ahunze igihugu umwaka umwe imbere y'aho, inyuma y'imyiyerekano y'abanyagihugu biyamiriza ubutegetsi bwiwe bwari bumaze imyaka 27.