Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iron Biby: umunya Burkina Faso yanditse amateka kw’isi mu guterura ikibuye kiremereye yakiriwe nk’intwari
Kuri uyu wa mbere, umunonotsi wa Burkina Faso yanditse amateka kw'isi yose mw'ihiganwa ryo guterura ibibuye biremereye ku wa gatandatu yakiriwe nk'intwari ku kibuga c'indege ca Ouagadougou, nk'uko iradiyo y'abafaransa RFI ibitangaza.
Sheick Ahmed al-Hassan Sanou - azwi kw'izina rya Iron Biby - yiremetse ikibuye gipima ibiro 229 (229Kg) yikoreye ku mutwe mu rukino rwa nyuma wa Giants Live World Tour Final muri Ecosse/Scotland, akaba yarushije uw'imbere y'aho yari yiremetse icapima 228kg.
N'akamwemwe kenshi, Iron Biby igikombe ciwe yagituye Burkina Faso, akaba asubirwamwo na RFI avuga ko intsinzi yiwe itanga ubutumwa bw'umwizero.
Ati: "Ni ikintu gikomeye kuri jewe, kubera namye ngerageza kwandika aya mateka kuva mu 2018".
RFI isubiramwo amajambo asa n'aya nyene y'umushikiranganji w'inkino Dominique Nana.
"Ibendera rya Burkina Faso ryatsinze."