Umupolisi wo muri Kenya yishe batandatu harimwo umugore wiwe

Kenyan police officer with gun

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igipolisi ca Kenya kivuga ko ivyabaye bibabaje

Abategetsi bavuga ko umupolisi wo muri Kenya yishe umugore wiwe n'abandi bantu batanu akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa AK-47 (Kalashinikov) kare cane mu gitondo co ku wa kabiri.

Umubanyi yumvise "urwamo rw'ibintu biturikira" mu nzu y'uwo mupolisi isaha indwi z'ijoro (01:00) mu masaha ya Kenya, nk'uko biri mu cegeranyo c'igipolisi.

Uwo mupolisi yaciye abandanya ico abategetsi bise "gusasika inganda" i Kabete, hagufi y'umugwa mukuru Nairobi, yica abantu batanu.

Mu nyuma uwo mupolisi na we yaciye yiyica, nk'uko icegeranyo c'igipolisi kibivuga.

Inkuru zitangwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP zivuga ko icatumye haba ubwo bwicanyi kitaramenyekana, ariko igipolisi kivuga ko bahora bashwana.

Umukuru w'igipolisi Francis Wahome yabwiye AFP ati:" Batubwiye ko bahora bafitaniye ingorane kandi ko bahora bashwana."

Wahome kandi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ati: "Gushika ubu, ntitwari twigere twumva uwidogera uyu mupolisi. Yahora akora akazi kiwe neza, kandi nta bintu nk'ibi yari bwigere ajamwo."

Si ubwa mbere haba umupolisi wo muri Kenya akora ibintu nk'ibi vyabaye.

Mu kwezi kw'indwi umupolisikazi yaravuzwe cane mu binyamakuru inyuma yo kwica abagabo babiri, harimwo n'uwo bakorana, mu kiringo c'amasaha 24.

Mu nyuma basanze Caroline Kangongo yapfuye.

Mu 2020, igipolisi caratanguye umugambi yo gufasha abapolisi bafise ingorane zo guhungabana mu mutwe.

Umupolisi yakoze iryo bara kuri uyu wa kabiri, abategetsi bavuze ko yitwa Constable Benson Imbasi, "yatanguye kurasa abantu ataco bazira mw'isinzi ry'abantu" inyuma yo kurasa umugore wiwe , nk'uko biri mu cegeranyo c'igipolisi.

Umwe mu babibonye yabwiye Reuters uko yatanguye kurasa.

"Yasohotse afise AK-47, aca atangura kuturasa aho twari turi n'abagendesha amapikipiki."

Abatwara amapikipiki babiri bari mu bishwe. Abandi bantu babiri bakomeretse bakaba bariko baravurirwa kwa muganga.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Fred Matiang'i yagize ico avuga kuri ivyo vyabaye aho yari mu birori vyo kwibuka abapolisi n'abacunga amabohero bapfuye bari mu kazi kabo.

Yavuze ko reta yababajwe n'ivyabereye i Kabete, ahamagarira abantu ariko kutabiha intumbero ya politike.

Yavuze ko abapolisi na bo bashobora guhungabana mu mutwe co kimwe n'abandi bose.

Yongeyeko ko reta bari kumwe n'abakora mu mabohero barushirijeho kwumviriza no gutanga imiti ku bapolisi bafise ikibazo c'ihungabana.

Ibinyamakuru vyo muri Kenya bivuga ko habaye imyiyerekano i Kabete no mu micungararo y'aho inyuma y'ubwo bwicanyi.

Video yo ku rubuga rwa The Star news yerekana abantu bari mu mabarabara bariko baraturira amapine y'imodoka.

Hagati aho, iyindi video yashizwe ku rubuga rwa Twitter na The Nation News iboneka yerekana abapolisi bariko barahinda urwaruka rwashaka kwinjira ku kirindiro c'igipolisi ca Kabete.