Kenya itegekanya kubuza abapolisi kureshanya hagati yabo

GSU

Ahavuye isanamu, AFP

Kenya irategekanya guhagarika imigenderanire yo kureshanya hagati y'abaporisi.

Iyi ngingo ifise intumbero yo kugabanya ibitigiri vy'ubugizi bwa nabi buvuye ku bibazo biba hagati y'abakundanye mu giporisi, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mw'ijambo yashikirije mu birori vyariko bibera kw'ishure ry'igiporisi.

Umushikiranganji Fred Matiang'i yavuze ko izi ngingo zizotegerezwa kubanza kwemezwa n'inama nkuru y'umutekano ya Kenya, ari nayo igenzura inzego zose z'umutekano mu gihugu.

Avuga ko imigenderanire nk'iyi mu gisirikare yamaze guhagarikwa hagati y'abadasangiye amapete.

Uyu mushikiranganji avuga ko mu mezi make aheze habaye ubwicanyi hagati y'abaporisi bubakanye.

Matiang'i ati: "Ntidushobora kubirenzako uruho rw'amazi ngo twiyibagize gukemura ibibazo bimwe bimwe birangwa gisata c'umutekano."

Avuga kandi ko ibiro bijejwe kurwanya ikumira rishingiye ku gitsina bizotegerezwa kwihweza ibirego vy'ihohoterrwa rishingiye ku gitsina ryakorewe abaporisi b'anbakenyezi

Ikinyamakuru Star gisubiramwo uyu mushikiranganji avuga ko "mu misi iza, umuporisi azoresha canke akubakana n'umuporisi mugenziwe azoba ahonyanze amategeko. Bishitse ko abaporisi babiri bashimana, umwe muri bo azotegerezwa guheba akazi".

Abakenya batari bake baciye ku mbuga hwaniro babaza ukungene amategeko ashobora kubuza abantu babiri bakuze gukundana.

Umushikiranganji Matiang'i ashikirije aya majambo inyuma y'indwi zitatu umuporisi yacungera ibiro vyiwe agandaguye umugore wiwe na we nyene yari asanzwe ari umuporisi, maze nawe aca ariyahura.

Uyu muporisi yari mu gisata co gucungera inzego no gutuza imigumuko (GSU), Hudson Wakise, yishe umugore wiwe amurashe, hanyuma nawe aca arirasa.

Uyo mukenyezi wiwe yahambanywe iteka mu vyubahiro bihabwa abaporisi ariko umugabo wiwe Wakise yagiye guhambwa ata baporisi bahari.

Mw'ijambo ryiwe rigira icenda ku bijanye n'ikizakaranda ca Covid-19, umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yashikirije impungenge afise "kw'iyongerekana y'indyane hagati y'abubakanye mu rugo".

Yaciye ategeka ikigo kijejwe gutohoza ivyaha gukora amatohoza ku vyaha vy'ihohotera rishingiye ku gitsina vyarenze urugero, hamwe n'ihonyanga ry'agateka k'abana.