Kubaho afise ibitsina vyompi ni ingorane kwa Mary Waithera canke James Karanja

Ingorane y'ukuvuka afise ibitsina vyopmi yatumye abavyeyi ba Mary Waithera canke James Karanja bahukana
Insiguro y'isanamu, Ingorane y'ukuvuka afise ibitsina vyopmi yatumye abavyeyi ba Mary Waithera canke James Karanja bahukana

Igihe Mary Waithera canke James Karanja yavuka mu mwaka wa 1991, abakirizi barataye umutwe, bagira ubwoba ntibaronka n'ico babwira nyina wiwe.

Yavukanye ibitsina bibiri…igitsina c'umukenyezi n'igitsina c'umugabo vyose biri hamwe. Nyina wiwe akama yibaza igituma umwana wiwe yavutse ameze gutyo.

Amaze kuvuka, Mary yamaze ikiringo c'indwi zitatu mu bitaro bari bari mu twigoro two gutorera inyishu iyo ngorane.

Iyo yabaye intango y'urugendo rurerure rwa Mary Waithera canke James Karanja agerageza kwitahura.

Abavyeyi biwe bafashe ingingo y'ukumurera nk'umukobwa.

Mary Waithera canke James Karanja ati: "Navutse mfise ingorane nk'uko ndabibwirwa n'abari banyegereye. Nta n'umwe yashoboye kumenya ico ndi.

Abavyeyi banje bamaze kumenya ko nari mfise ingorane, dawe yafashe ingingo, bafashe ingingo yo kundera nk'umukobwa.

Hagati aho, ubumuga bwanje bwatumye abavyeyi banje bahukana.

Dawe yaradutaye, avuga ko mu muryango wabo ata muntu arigera avuka ameze nkanje, aranabuza ko ntorana izina ry'umuryango kuko babona ko ndi umuvumo.

Ivyo vyatumye ntorana izina ryo kwa nyokuru avyara mawe.

Abavyeyi banje bamaze kwahukana, mawe yaragize umwikomo kubera ivyiyumviro vyinshi, agira n'ibibazo vy'ubuzima igihe yari andeze.

Igihe cose naja kuvoma amazi mu mwonga, nayatwara ku rutugu, mu gihe abandi bakobwa bobo bayatwara ku mugongo.

Yarandeze nkura nk'umukobwa. Yantegura kuba umukenyezi ameze neza".

Karanja yibuka ko ari we "mukobwa" wenyene yagendesha ikinga ku mutumba wose.

Kw'ishure bashaka kubona udutambara two mu kwezi

Karanja ati: "Nyokuru avyara mama yavuga ko kugira ngo umukobwa aje mu kwezi yategerezwa kuba yaragenyerewe".

Amaze kuja mu mashure yisumbuye kw'ishure rikuru rya Kikambala, yibuka ko habaye ikintu kidasanzwe.

Ati: "Bashaka ko ndabereka udutambara two mu kwezi.

Umwigisha yavuga ko batari kunyakira kw'iryo shule nterekanye utwo dutambara.

Abigisha baguma banyita ko ndi umuhungu".

Amaze gushika mu mwaka w'icenda, yatanguye kubona umubiri uhinduka, ageze mu myaka y'ugukura.

Ibitugu biraguka n'ijwi rirahinduka. Yama avyuka kwoga mw'ijoro rinihira imbere y'uko abandi banyeshuri bavyuka kugira ngo ntibamubone.

Abakobwa batangura kumukunda, bamwandikira n'udukete tutari duke n'aho ari we yari umukuru w'ishure ryabo.

Abigisha bamaze kubona ayo makete, baramwirukanye bamwagiriza ko ariko akwiragiza ingeso z'uguhuza ibitsina ku babisangiye.

Ati: "Iyo yabaye intango y'ukwimenya".

Kenya nico gihugu ca mbere muri Afriuka cemeje abo bantu

Yagiye kwa muganga kugira ngo abaganga bamupime maze amenye ico yari.

Haciye igihe, Karanja yahavuye yemererwa gukora ikibazo ca leta kandi aronka amanota meza yamuhaye uburenganzira bwo kuja kuri kaminuza.

Yararyohewe kuko yibaza ko ingorane zigiye guhera, ariko kwabaye ukwihenda.

Ingorane y'ukwimenyekanisha

Kw'ishure kaminuza rya Nairobi, yarankiwe kwinjira incuro nyinshi n'abanyezamu bamusaba gusigura ingene afise izina ry'abagore, Mary Waithera, kandi aboneka nk'umugabo.

Eka n'abigisha ba kaminuza iyo hageze gukora ibibazo, bama bashaka kumenya igituma afise izina ry'abagore kandi n'ibimuranga bikerekana ko ari umukobwa.

Ni kenshi yama yirukanywe canke bakamucereza gukora ivyo bibazo.

Kubera izo ngorane, Karanja yarashatse kwiyahura incuro zitatu zose. Avuga ko ukunenwa ari kwo kwamutumye ashaka gukora ivyo.

Hagati aho, Karanja ashaka ko amenyekana nk'umuntu afise ibitsina vyompi, ikiranga umugore n'ikiranga umugabo.

Kenya nico gihugu ca mbere muri Afrika cemeje abantu nk'abo

Mu gihugu ca Kenya, abantu baharurwa hafi 700.000 nibo bazwi ko bafise ibitsina vyompi.

Hagati aho, leta ntiremeza ivyo biharuro.

Umushingamateka Milly Odhiambo avuga ati: "Abantu b'ibitsina vyompi ntibaboneka mu gihugu. Amategeko ntabemera".

Milly avuga ko kubona amategeko atahora abemera vyatuma abo bantu ata burenganzira na bumwe baronka.

Leta ya Kenya yahora yandika abantu ko ari igitsinagabo canke igitsinagore gusa.

Kenya nico gihugu ca mbere muri Afrika cemeje abantu bafise ibitsina vyompi muri muri rusansuma y'uno mwaka wa 2019.

Abana bavuka bafise ibitsina vyompi bafatwa ko ari umuvumo ku muryango, bigatuma akenshi iyo bavuze baca bicwa mu bihugu bitari bike vya Afrika.