Vaticano yasohoye agatabo k'intumbero nshasha itandukanye n’ingene igitsina gifatwa na bamwe muri kino gihe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vaticano yasohoye agatabo gashasha kavuguruza insiguro isigaye itangwa muri kino gihe ku bijanye n'igitsina.
Ako gatabo kasohotse ku munsi wa mbere w'iyi ndwi, gafise umutwe wako uvuga ngo "Yararemye umugabo n'umugore " (Male and Female He Created Them).
Kavuga ivyerekeye "ingorane mu bijanye n'inyigisho", kakavuga ko impari ziriho ubu zishobora "gusambura inyigisho kama" kandi zigahungabanya imiryango.
Ako gatabo kasohowe mu gihe citwa Ukwezi kw'umunezero (ukwezi kwahariwe abahuza ibitsina babisangiye), kariyamirijwe n'imirwi iharanira uburenganzira bw'abahuza ibitsina babisangiye.
Kasohowe n'ihwaniro ry'inyigisho katolika zari zigenewe abantu bakorana n'abana.
Ntikateweko igikumu na Papa Francis ubwiwe, ariko gasubiramwo amajambo yagiye avuga, kandi kanditswe hisunzwe ivyiyumviro vyiwe.
None ako gatabo kavuga iki?
Ako gatabo gasaba ibiganiro, ariko kagatanga intumbero ku bintu bitari bike, harimwo n'imirwi y'abahinduye imibereho yabo ufatiye ku gitsina cabo (transgenres).
Cane cane, karanegura insiguro isigaye ihabwa igitsina.
Kavuga ko insiguro za kino gihe "ziteye kubiri n'imico kama", ko ahubwo zishaka kwemeza ko "ari ingingo ya buri muntu uko we nyene yiyumva".
Kavuga kandi ko uguhindagurika kw'imibereho ya muntu ufatiye ku gitsina ciwe "ata kindi rifatiyeko uretse ukudatahura neza ibijanye n'ubwigenge bw'ukuntu umuntu yiyumva n'ivyo yipfuza".
Kabandanya gasigura ko igitsina atari ingingo y'umuntu ubwiwe, ko ahubwo ariko Imana yabiteguye, igihe yarema umugabo n'umugore ikabashinga amabanga ifatiye ku gitsina yabaremanye.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, kavuga ko abana n'urwaruka bakwiye kwigishwa gusonera uwo ari we wese kugira ngo ntihagire uwuhohoterwa canke ngo yinubwe mu buryo ubwo ari bwo bwose.
Ishirahamwe New Ways Ministry ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rirwanira agateka k'abahuza ibitsina babisangiye, kavuga ko ako gatabo ari "igikoresho kibi".
Rivuga ko kazokoreshwa mu "guhohotera abantu bahinguye imibereho yabo ufatiye ku gitsina cabo, abagabo n'abagore bahuza ibitsina babisangiye, be n'abo bose badacagura igitsina mu vyo gukundana".
Francis DeBernardo, arongoye uwo murwi wanditse ako gatabo, ariyamiriza ibivugwa ko abantu "bafise uburenganzira bwo kwicagurira igitsina".
Mw'itangazo yasohoye, avuga ko ako gatabo "kazotera ibibazo kuri abo bantu bazazaniwe n'ibijanye n'ukumenya uko bategerezwa kwifata ufatiye ku bitsina vyabo", akavuga ko na Vaticano "iri mu mwijima" kuri kino kibazo.










