Nigeria: Umugabo yitwa Jamiu yitwariwe azira kwita umugore w'uwundi 'Cherie'

Mobile phone

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umugabo azwi kw'izina rya Jamiu, wo mu karere ka Ijebu Ode, mu ntara ya Ogun mu gihugu ca Nigeria, yitwariwe azira kwita umugore w'uwundi muntu, Opeyemi Adegbesan "Babe" (Cherie), izina adasanzwe akoresha kuri WhatsApp.

Uwo mugabo ubu yitwariwe ku mucamanza kubera avuga ko ari we yamuguriye ikanzu y'ubugenzi, ko rero ata wundi mugabo afise uburenganzira bwo kumwita baby.

Jamiu arahakana arakana ko ivyo yagirizwa ko yazanye ibibazo mu rugo rw'uyo mugore n'umugabo wiwe Akintunde Adegbesan kw'itariki 19 z'ukwezi kw'icenda.

Urupapuro yitwariweko

Uwundi mupfasoni yaronse ubutumwa nk'ubwo ku mugwi wa WhatsApp bwanditse ngo 'Mwaramutse Babe' buvuye ku nimero 08059491562 na 08138868837, na we nyene yaritwaye.

Ivyo vyashitse biriko biravugwako vyinshi ku mbuga hwaniro, mu gihe abantu batandukanye bagenda bagira ico babivuzeko.