Hushpuppi – Umwe mu bazwi cane kuri Instagram akaba n'umunyonyezi ndengambibe

Hushpuppi, umunya-Nigeria yabaye rurangiranwa ku mbuga hwaniro yabaho mu buzima buhanitse kubera amafaranga akura mu bunyonyezi buciye kuri internet.

Ahavuye isanamu, Hushpupi Instagram

Insiguro y'isanamu, Hushpuppi, umunya-Nigeria yabaye rurangiranwa ku mbuga hwaniro yabaho mu buzima buhanitse kubera amafaranga akura mu bunyonyezi buciye kuri internet.
    • Umwanditsi, Inkuru ya Helen Clifton
    • Igikorwa, na Princess Abumere

Ramon Abbas - azwi kuba afise abantu miriyoni 2,5 bamukurikira kuri Instagram - aharugwa na FBI kuba ari mu banyonyezi ba mbere bo mu rwego rwo hejuru, ubu akaba ashobora guhanishwa umunyororo w'imyaka 20 muri Reta Zunze ubumwe za Amerika inyuma yo kwemera icaha co kugira amafaranga y'inkomoko mbi.

BBC yakoresheje inyandiko za sentare zashoboye kuboneka kugira imenye umugabo ari inyuma y'ubunyonyenzi buciye kuri internet bwatwaye abo vyashikiye amafaranga aharugwa muri za miriyoni, kuva muri Nigeria aho yatanguriye mu buryo busanzwe cane urudandazwa rw'amanyanga nk'umwe mu biyita "Yahoo Boys" gushika aho yiyita "Billionaire Gucci Master" (umwami wa Gucci w'ama miriyaridi) abaho mu buzima buhanitse cane i Dubai imbere y'uko afatwa mu mwaka uheze.

Uwo mugabo w'imyaka 37 yatanguye uwo mwuga wiwe ahitwa Oworonshoki, akarere karangwamwo ubukene ku nkengera z'uburaruko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru w'ubutunzi wa Nigeria, Lagos.

Umwe mu bashoferi b'aho yabwiye BBC ko yibuka Abbas ari umwana w'umuhungu akiri muto ariko arafasha nyina mw'isoko rya Olojojo. Se yanyonga tagisi.

Seye avuga ko amaze gukura, Abbas yakunda gusohora amafaranga yiwe. "Yararekura cane. Yahora agurira inzoga abantu bose baba bari hafi yiwe."

Ariko abantu bose bari bazi ahava iryo tunga ryiwe ry'amayobera - ubunyonyezi buciye kuri internet; Seye avuga ko yari umu "Yahoo".

Inzu yahora ari iya Hushpuppi, nimero 9 ibarabara rya Ogunyomi, mu karere ka Oworonshoki muri Lagos
Insiguro y'isanamu, Inzu yahora ari iya Hushpuppi, nimero 9 ibarabara rya Ogunyomi, mu karere ka Oworonshoki muri Lagos

"Yahoo Boys" n'abantu baca kuri internet mu kurondera abo bokundana kandi ari ukubabesha, iryo zina bakaba barikuye kuri email ya mbere yabonetse muri Nigeria.

Dr Adedeji Oyenuga, yanonosoye ibijanye n'ubukozi bw'ikibi bwo kuri internet kuri kaminuza ya Lagos asigura ko "Baciye bagira iciyumviro co kwiba imyidondoro. Hanyuma muri ubwo busuma bw'imyidondoro, bagaca baja mu binyoma vyo kuresha [scams]."

Imigenderanire imaze gufata bakoreshesheje imyidondoro itari yo, bene abo babeshi b'urukundo baca baryosharyosha abakunzi babo bo kuri internet gushika babasokoyemwo amafaranga.

Nk'abandi ba Yahoo Boys benshi, Abbas yaraguye akarere kiwe k'ubukozi bw'ikibi.

Benshi baragiye muri Malaisie (Malaysia) - Abbas arabakurikira, asanga ageze Kuala Lumpur mu 2014 hanyuma Dubai mu 2017.

Aba 'hackers' bo muri Korea ya ruguru

Aho ni igihe ivyo yashira kuri Instagram - n'ibikorwa vyiwe vy'ubugizi bwa nabi - vyashika ku rundi rwego.

Mu kwezi kwa kabiri mu 2019, yaragerageje ingene yokweza (gutuma atawumenya ko yaciye mu bunyonyezi) amafaranga angana na miriyoni 15 z'ama dorari yari yibwe n'umugwi w'abasuma (hackers) bo kuri internet bo muri Korea ya ruguru muri banki yo muri Malte yitwa Maltese Bank of Valletta.

Ivyo Hushpuppi yashira kuri Instagram ku buzima bwiwe bwo kubaho mu bintu vy'agaciro gahanitse vyatumye aronka abantu benshi bamukunda (likes)

Ahavuye isanamu, hushpuppi

Insiguro y'isanamu, Ivyo Hushpuppi yashira kuri Instagram ku buzima bwiwe bwo kubaho mu bintu vy'agaciro gahanitse vyatumye aronka abantu benshi bamukunda (likes)

Abigail Mamo, umukuru w'igisata c'abagwizatunga batobato muri iyo banki, avuga ko ubwo bunyonyezi bwatumye iryo zinga, rigenderwa cane n'abafata uburuhuko, rija mu "kajagari".

Amakapo y'ivyo abantu bari basumye yaratawe imbere y'aho barihira kuko ubuhinga bwo kuriha bwari bwapfuye.

Madame Mamo avuga ko "baguma baronka abanywanyi baduhamagara batubwira ko bariko bararungikira amafaranga abo baguriye ibidandazwa mu mahanga bakoresheje uburyo bwa banki ya Valletta."

"Abarungikiwe amafaraga ntibayaronka…Aho tuvuga ibihumbi n'ibihumbi vy'ama euros (amafaranga y'amanyaburaya)."

Iyo banki yavuze ko yashoboye kugaruza miriyoni 10 z'ama euros.

Ico gihe Abbas yaciye yandikira mugenziwe bakorana ayo manyanga ati "Mbega ishano" ku bw'ubutumwa FBI yashoboye kubona.

Inyishu yerekana ko ubundi bunyonyezi bwariko burategurwa: "Ahakurikira ni mu minsi; tuzokubwira hageze. Nta kundi ko babifashe, ahandi ho twari kuba turonse amafaranga meza."

Aya Premiership yo ntibayatwaye

Mu kwezi kwa gatanu mu 2019, Abbas yashinzwe kwugurura konte muri Mexique.

Iyo konte yari guca ijako miriyoni 100 z'ama pound (amafaranga y'Ubwongereza) avuye mu mugwi umwe wo mu cicaro c'umupira w'amaguru ca Premier League, na miriyoni 200 z'ama pound nyene zari kuva muri kompanyi yo mu Bwongereza.

Nta zina na rimwe rivugwa muri sentare.

Ubwo bunyonyezi bwari gukorwa biciye ku citwa Business Email Compromise (BEC).

Mu buryo bworoshe cane, BEC ikora mu gutegera (mu kuzibira) amafaranga aba arishwe biciye ku butumwa bwa emails bw'ububeshi buza busa n'uburungitswe n'uwategerezwa kurihwa. Uravye neza, urudome rumwe canke igiharuro kimwe gusa nivyo biba bitandukanya inyanduruko y'izo email.

Muri iyo email abo basuma - biyerekana nk'uwurindiriye kuwihwa - baca bavuga ko bahinduye banki, ko amafaranga arihwa yocishwa ku yindi konte; ko ibiranga iyo konte babitanga.

Uwuba ajejwe ama konte muri banki aca yibaza ko ari uwurindiriye kurihwa yabisavye - hanyuma gufyonda rimwe gusa ku mashini yiwe, umurundo w'amafaranga ukaba uribwe.

Ariko ayo muri Premiership ntiyibwe kuko amabanki yo mu Bwongereza yanse kurungika amafaranga muri iyo konte yo muri Mexique.

Nta murwi n'umwe wo muri Premiership wigeze wemeza canke ngo uhakane ko wahatswe kwibwa.

'Abazobereye mu kazi baramaramaye'

Jon Shilland, arongoye igisata co kurwanya ubunyonyezi mu rwego rw'Ubwongereza rwo kurwanya ubugizi bwa nabi, avuga ko bishobora kugorana guhasha urufatangane rw'inkozi z'ikibi ziri mu turere tw'ubucamanza dutandukanye.

Umwe mu babizi cane n'umushingwamanza akorera Dubai, Barney Almazar.

Ahagarariye abantu bashika 25 - harimwo Abongereza 8 - muri Emirats Arabes Unis (UAE), bose bibaza ko bakozweko n'ubunyonyezi bwa Hushpuppi biciye mu buryo bwa BEC.

Ifoto y'ikibanza co kuruhukiramwo co ku nkengero z'ikiyaga iri ku urubuga Instagram rwa Hushpuppi

Ahavuye isanamu, Hushpuppi

Insiguro y'isanamu, Abakora amatohoza bavuga ko bigoye gukurikarana abanyonyezi iyo abari muri urwo rufatangane baba bari hirya no hino kw'isi

Almazar avuga ati: "Ntidushobora kwemeza ata nkeka ijana kw'ijana ko Hushpuppi arimwo".

"Ariko uravye konte za banki igipolisi cakurikiranye, zose zigwa mu vyo igiporisi cashoboye kwegeranya igihe caja gusaka (mu nzu ya Hushpuppi i Dubai).

Umwe mu Bongereza yahuye n'ivyo vyago atashatse kumenyekana, avuga ko yatakaje ibihumbi 500 vy'ama pound, yahatiwe kuva muri UAE - kandi ubu nawe nyene akaba ahanganye n'imanza z'ubugizi bwa nabi i Dubai kubera ideni yafashe biturutse kuri ubwo bunyonyezi.

Almazar asigura ko "Abakiriya biwe batahura ko yahuye n'ubunyonyezi."

"Ariko kandi bategerezwa kugaruza amafaranga batakaje, none gushika ubu ntazi ingene ashobora kugaruka muri UAE. Umuryango wiwe uracari muri UAE. Afise ubwoba ko ashobora gufatwa buno nyene agishika."

Almazar avuga ko ibimaramare bituma benshi bahuye n'ubunyonyezi bwa Hushpuppi batubahuka kubishira ku mugaragaro.

"Ubunyonyezi bwari buteguye mu buryo buhanitse cane. N'abantu bazobereye mu kazi bwarabakozeko. Bamwe ntibubahuka kuvuga ivyashitse."

Ubunyonyezi kw'ishure ryo muri Qatar

Ubusuma bwa nyuma bukomeye cane bwa Abbas imbere y'uko afatirwa Dubari mu kwezi kwa gatandatu mu 2020 bwabaye ubwo kwiba umwidondoro, yakuye mu bundi yahora akora akiri Yahoo Boy mu buto bwiwe.

Yigize umukozi wo muri banki y'i New York kugira ate mu mutego uwo yashaka kunyonyeza, umugwizatunga wo muri Qatar yariko ararondera ideni rya miriyoni 15 zo kwubaka ishure nshasha muri ico gihugu co mu kigobe c'Abarabu.

Hagati y'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2019 n'ukwa kabiri mu 2020, Abbas n'abo bakorana muri Kenya, Nigeria na Amerika bararyosharyoheje uwo mugwizatunga gushika bamutwaye ayarenga umuriyoni w'ama dorari. Amwe muri ayo mafaranga yaronderewe inzira nziza biciye mu kugura isaha y'ama dorari ibihumbi 230.

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa

1px transparent line

Ariko ntivyatevye uwo mugwi utangura gucanamwo.

Umwe mu banywanyi bawo yagabishije ko vyose abishira ahabona kuko atashima amafaranga ahabwa.

Abbas yari yarahiye kumucecekesha.

Yaciye yandikira ubutumwa bwa terefone uwo bazinanye - umuporisi wo muri Nigeria Abba Kyari - avuga ati: "Nshaka ko akubitwa inkoni atari bwigere akubitwa mu buzima.

"Nshaka kurungika amafaranga yo gushira uwo muhungu mu gasho, amareyo igihe kirekire."

Bivugwa ko Kyari yaciye afata uwo mugabo ataco amwagiriza aramufunga ukwezi muri bumwe mu busho bubi cane muri Nigeria.

Komanda Abba Kyari
Insiguro y'isanamu, Abba Kyari, azwi muri Nigeria nk'umupolisi adasanzwe, "super cop", yarahagaritswe mu kazi ubu akaba aronderwa na Amerika

Ubu rero na Kyari araronderwa na Amerika ku vyaha vy'ubunyonyezi, amafaranga y'inkomoko mbi hamwe n'ukwiba imyidondoro.

Yarigeze guhakana ko ata sano na rimwe afitaniye n'ibikorwa vy'ubukozi bw'ikibi vya Abbas - akaba ataco arishura BBC imurondeye ngo hagire ico avuze.

N'ubu aracafise abamukurikira

Ubunyonyezi buciye kuri BEC ni ikibazo gikomeye cane kw'isi. Ku bwa FBI, mu 2020 ubunyonyezi bwa BEC bwateye igihombo ca miriyaridi 1,8 z'ama dorari.

Inyandiko zo muri sentare zerekana ko ubugizi bwa nabi bwa Abbas bwateye abahuye n'ivyago gutakaza miriyoni 24 z'ama dorari muri rusangi. Ariko hari abibaza ko ico gitigiri gishobora kuba kiruta aho.

Kuri Instagram ubu yarahevye kwiyita "'Billionaire Gucci Master' aca ashirako "Real Estate Developer" (umuntu yubakisha akadandaza amazu) amezi umunani imbere y'uko afatwa hanyuma akarungikwa muri Amerika gucirirwa urubanza.

N'ubwo mu kwezi kwa kane imbere ya sentare yemeye icaha c'amafaranga y'inkomoko mbi, imbuga hwaniro ya Hushpuppi n'ubu iracakora kandi aguma aronka abamukurikira.

Twararondeye Instagram kugira tubabaze igituma konte yiwe iguma yuguruye. Urwo rubuga rwabwiye BBC ko rwakoze amatohoza kuri konte yiwe - ariko ko rwafashe ingingo yo kutayugara.

Ni nawo munsi twabaza ico kibazo nyene Snapchat, yaciye ifuta konte ya Hushpuppi.

Dr Oyenuga avuga ko Hushpuppi afise abamukurira kuko hari abamufata nk'icitegererezo. "Turi mu gihugu aho hari abantu benshi bamerewe nabi. Bagaca babona umuntu akiri muto nkabo, yahora ameze nka bo abaye umuntu akomeye.

"Jewe narabonye abavyeyi bajana abana babo kwiga kuba aba Yahoo Boys."

Seye avuga ko abantu bose bazi ko Hushpuppi yakoze ubukozi bw'ikibi, ariko biratahurika.

"Nta n'umwe asenga asaba kuba umukene. Iyo rero ubonye umuntu atunze, uca usaba Imana ko yoguha nka rirya tunga ryiwe."