Wa munya Nigeria Hushpuppi yerekana ko atunze cane yemeye gutunga amahera y’inkomoko mbi

'Batabizi' batanga amakuru yabo berekana uko babayeho ku mbuga hwaniro

Ahavuye isanamu, Hushpuppi

Insiguro y'isanamu, 'Batabizi' batanga amakuru yabo berekana uko babayeho ku mbuga hwaniro

Wa munya Nigeria yamenyekanye cane kuri Instagram azwi kw'izina rya Hushpuppi, izina ryiwe nyaryo rikaba ari Ramon Abbas, yemeye icaha co gutunga amahera y'inkomoko mbi, hari imbere ya sentare muri Amerika.

Inkuru y'ubusuma bagirizwa yaravuzwe cane mu mwaka uheze inyuma y'igihe we na bagenzibeberekana ubuzima buzimvye cane rwose babamwo n'imodoka zizimvye zabo ku mbuga hwaniro.

Ico gihe mu kwishura ku bakeka ko babivanye mu nkomoko mbi, umwe muri bo yanditse kuri Instagram ati "Abantu ntibagatume wicira urubanza kubera umutungo wavunikiye".

Yahagaritswe mu kwa gatandatu guheze i Dubai ari kumwe n'abandi bakurikiranwa, bagirizwa uburiganya bakoreye umuntu mu masezerano y'imfashanyo ingana n'imiriyoni 1.1 y'amadorari y'abanyamerika yari igenewe amashure.

Hushpuppi yaciye arungikwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngo acirirwe urubanza.

Urwandiko rwiwe aho yemera icaha rwerekana ko yemeye uruhara yagize muri iyo mfashanyo y'amafaranga yari igenewe ishure hamwe n'ibindi bikorwa vy'uburiganya, harimwo n'ubusuma bwakorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Vyose hamwe biharurwa ku miriyoni 24 z'amadorari y'abanyamerika, nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vy'umushikirizamanza wa Amerika.

Iri tangazo ryongerako y'uko muri ubwo buriganya bujanye n'amashure Hushpuppi yakoranye n'umunya Kenya hamwe n'umunya Nigeria bigize nk'abahanuzi n'abahinga mu bijanye n'amabanki, mu kwiba umurwizatunga wo muri Qatar.

Hushpuppi yaramenyekanye cane kuri Instagram kubera ubuzima bwiwe buzimye cane harimwo gutunga amamodoka menshi meza cane.