Malawi: Clement Chiwaya yapfiriye mu nama nshingamateka yirashe

Ahavuye isanamu, Tedx
Uwahoze ari umushingamateka akomeye cane muri Malawi, Clement Chiwaya, yirasiye mu nama nshingamateka aca arapfa.
Chiwaya yagenda yicaye mu gatebe inyuma yo kugwara ingwara y'ubukangwe afise imyaka ibiri, yabaye icegera c'umukuru w'inama nshingamateka hagati y'umwaka wa 2014 na 2019.
Mu nyandiko yasize akanya gato imbere y'uko yirasa, yavuze ku mpari bagiranye n'abakozi bo mu nama nshingamateka k'uwo imodoka yakozwe hakurikijwe uko ameze yegukira.
Inyuma yo gutanga imihoho nk'icegera c'umukuru w'inama nshingamateka, yaciye atangura kurondera uburyo bwo kugura imodoka yemerewe n'urwo rwego ashobora kwitwarira we nyene n'ubwo bumuga.
Yararishe amahera, ariko akagiriza inama nshingamateka kumwima impapuro zemeza ko ari gwiwe. Mw'itangazo ryasohowe amaze gupfa, ibiro vy'umukuru w'inama nshingamateka vyavuze ko urubanza rwari rukiri muri sentare.
Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko Chiwaya yinjiye mu biro vy'umwanditsi (greffier) w'inama nshingamateka ku musi wa kane, aca arirasa uwo mwanditsi abona.
Mu nyandiko yiwe, yavuze ko yararuhishijwe no kuguma asabiriza ibintu bisanzwe ari gwiwe, aca avuga ko yiyahuye kubera ubwoba "bwo guhava ababaza abandi".
Chiwaya yavutse mu 1971, yabaye uwuharanira agateka k'abagendana ubumuga, aranitoza mu bushingamateka incuro zitatu yikurikiranya.
Ubu igipolisi kiriko kiratohoza ingene yashoboye kwinjira mu nama nshingamateka, mu bisanzwe iba icungerewe cane, yitwaje inkoho ntoyi. Ibiro vy'umukuru w'inama nshingamateka bivuga ko abajejwe umutekano biyumviriye ko ari agakinga agenderako kakomye induru igihe bariko baramusaka.










