Malawi: Perezida Chakwera aranegurwa inyuma yo kugena umukobwa wiwe mu biro vy'ubuserukizi

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru w'igihugu ca Malawi Lazarus Chakwera aranegurwa bikomeye inyuma y'aho ageneye umukobwa wiwe, Violet, ngo aje gukora mu biro vy'ubuserukizi bw'ico gihugu i Buruseri mu Bubirigi nk'umunyamabanga wa gatatu.
Mu gihe c'imyiyamamazo mu matora yo mu 2020, Perezida Chakwera yemereye abanyagihugu kurandurana n'imizi ka mwana wa mama yavuga ko karanze ubutegetsi bw'uwo yasubiriye, Peter Mutharika.
Ubu, imbuga hwaniro zuzuye ibice vy'amajambo yagiye avuga yagiriza uwo yasubiriye ko yakoresha ka mwana wa mama.
Umwe mu bantu bakomeye bakoresha imbuga hwaniro Onjezani Kenani - na we yari mu banegura cane ubutegetsi bwahahora - ni umwe kandi mu bariko baranegura Perezida Chakwera, avuga ko ariko yerekana ko ari mubi gusumba Mutharika.
Kenani ati: "Aho mperukira kuraba, Peter Mutharika ntiyigeze agena umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu kibanza c'umukozi ahembwa n'amakori y'abanyagihugu".
Hagati aho, uyo yahoze arongoye Malawi yaragenye umwishwa wiwe, Duwa, mu kibanza c'umunyamabanga mukuru mu biro vy'ubuserukizi muri Afrika y'Epfo.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu birashigikira iyo ngingo ya Perezida Chakwera yo kugena umwana wiwe, bikavuga ko uwo ari we wese yagenywe mu mabanga yagenywe hisunzwe ubumenyi afise.









