Kenya: Umupolisi yarafuswe mu kazi amaze amezi icenda yaratakaje ubwenge

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umupoli umwe wa Kenya yakuwe mu kazi aza kuboneka inyuma y'amezi icenda aho yari agwariye mu bitaro - yasubiriye kugaragara.
Reuben Kimutai Lel yatangajwe ko yatorotse akazi n'umushahara wiwe urahagarikwa inyuma y'aho bagenzi we bamurondereye amezi menshi bakamubura.
Utwigoro two kumurondera baciye ku muryango wiwe - na wo nyene ico gihe wariko uramurondera - nta co twashitseko.
Kimutai yaraciriwe urubanza muri sentare atari ho ari, haranasohorwa n'umutahe wo kumufata. Mu nyuma urwo rubanza rwarateshejwe agaciro, inyuma y'aho igipolisi kinaniriwe kumufata.
Vyaje kumenyekana mu nyuma ko uwo mupolisi yari agwariye mu bitaro yarataye ubwenge - akaba yari yaraburiwe irengero kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze gushika aboneke mu ndwi iheze asubiriye kugarukana ubwenge.
N'aho ubwenge bwose butaragaruka, yarashoboye kuvuga uwo ari we kw'izina aranavuga ko yari umupolisi - hanyuma baca batangura kurondera umuryango wiwe.
Uwo mupolisi yari yagiriye isanganya mw'ibarabara mu gisagara ca Nairobi, aca ajanwa mu bitaro itariki 21 z'ukwezi kwa cumi na kabiri nk'umuntu atazwi amamuko yiwe.
Nta kintu na kimwe yari afise kimuranga.
Vyitezwe ko asubizwa ku rutonde rw'abahabwa umushahara mu gipolisi.










