Kenya: Abana babwirizwa gufungura amababi arura kubera uruzuba

Uruzuba muri Kenya
Insiguro y'isanamu, Abantu barenga ku miriyoni zibiri nibo bakozweko

Abantu barenga mirongo ibiri binjijwe ibitaro umwe ahasiga ubuzima i Kififi muri Kenya mu gihe imiryango myinshi ibangamiwe n'uruzuba

Abantu bashika ku 250.000 bamerewe nabi muri ako karere nk'uko bitangazwa n'abajejwe intwaro.

Ibitungwa biza birapfa kubera kubura ubwatsi bwo kurisha.

Kahunda Shikari Kombe, umuvyeyi w'abana umunani, yabwiye BBC ko amaze igihe agaburira abana amababi arura akura ku giti kimwe - kizwi nka Mtunguru muri ako karere - casizwe n'uruzuba.

Kahunda Shikari Kombe
Insiguro y'isanamu, Umuvyeyi Kahunda avuga ko ata kindi afise co guha abana kiretse amababi arura

Yagize ati: "Birarura cane, ariko nta kindi dufise co gufungura. Urashobora kumara umunsi wose n'uwundi ugatangura udafunguye ikintu na kimwe. Ibi nivyo turya, nk'uburo bwo guhenda umubiri ngo wumve ko hari ico wasamuye."

Umupfasoni Kombe avuga yuko rimwe na rimwe aronka agafashanyo k'ifu y'ibigori bakoresha mu gucumba ubugari.

Ibitungwa vyiwe vyarapfuye, ubu akaba asigaranye inka imwe gusa.

Inka ya Kombe
Insiguro y'isanamu, Inka imwe niyo isigaye mu bitungwa vya Kombe

Prezida Uhuru Kenyatta mu ndwi iheze yatangaje yuko uru ruzuba ari ikiza ku gihugu cose.

Abantu barenga imiriyoni zibiri muri Kenya bo mu ntara 13 kuri 47 zigize ico gihugu barakozweko.

Umukuru w'igihugu yarabwirije ikigega ca leta hamwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati gufasha imiryango imerewe nabi.