Kenya: Icyo Abanyarwanda n’Abarundi bari mu nkambi ya Kakuma bavuga ku ifungwa ryayo

Ikambi ya Kakuma irimwo impunzi zirenga ibihumbi ijana

Cyriaque MUHAWENAYO

BBC Gahuzamiryango - Kakuma, Kenya

Impunzi zo mw'ikambi ya Kakuma mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya zisaba ko zitotahukanwa ku nguvu igihe iyo kambi yokugarwa nk'uko bitegekanije hagati mu mwaka wa 2022.

Iyo kambi irimwo impunzi ziva mu bihugu birenga cumi, harimwo ivyo Uburundi, Urwanda na Republika ya Demokrasi ya Congo.

Impunzi ziri muri iyo kambi zirenga ibihumbi ijana ziganjemwo ahanini izo muri Sudani y'epfo.

Reta ya Kenya ivuga ko izotangura igikorwa co kwugara iyo kambi co kimwe n'iya Dadaab itariki zitanu z'ukwezi kwa gatanu mu 2022.

Zimwe mu mpunzi ariko zivuga ko zititeguriye guhunguka.

Mireille, umupfasoni w'umurundikazi yahungiye muri Kenya mu 2015, aba mw'ikambi ya Kakuma asaba ko batokwirukanwa ku nguvu.

Agira ati:"Abahunguka ni vyiza, n'umugambi mwiza. Ariko n'abataragera guhunguka ntibaduhungure ku nguvu."

Na yo Emmanuel yahunze mu mwaka wa 2009, asaba ko bobareka bakabandanya kuba muri Kenya.

Ati: "Reta ya Kenya iravuga ko ata mpunzi izirukana ku nguvu. Uwuzoshaka gutaha ku gushaka kwiwe, azogenda. Bakaba banyemereye ko nzobandanya nisumamwo, numva noba ndagumye ngaha mu gihe ntariyumvamwo neza ko nosubira mu gihugu."

Iyindi mpunzi y'umunyarwandakazi itashimye ko izina ryayo rimenyekana ivuga ko bigoye gutaha usanga uwashatse ku kwica.

Agira ati:"Ushobora kuba warahunze ikintu runaka, kikaba kitararangira. N'ukuvuga ngo ni naba naraguhunze ushaka kunyica, none ndaza ndagusangaho hanyuma bimarire iki?"

Hoba hari abanyepolitike babuza impunzi guhunguka?

Abarundi n'abanyarwanda baba mw'ikambi ya Kakuma bava mu migambwe n'ubwoko bitandukanye.

Bavuga ko ingingo zose ari bo bazifatira, ata banyepolitike baziri inyuma.

Emmanuel agira ati:"Nka jewe ndi umututsi. Igihe abatutsi bari ku butegetsi, iyo nzoga nta yo nasomyeko. Abahutu bari ku butegetsi, ndi mu buhungiro. None umunyepolitike yoza kumpenda yova hehe?

"N'ukuri sinivugiye, nta munyepolitike ariko araza guhenda abantu ngaha pe."

Izo mpunzi zivuga ko abari mw'ikambi bose bagiye baraca mu bibazo bitandukanye ku buryo atawoba akibahenda.

Kwungururiza mu bihugu vya Buraya

Mw'ikambi ya Kakuma zimwe mu mpunzi ziri ku rutonde rwa HCR rwo kuzironderera ubuhungiro mu bindi bihugu.

Impunzi nyinshi ngaha ziba zifise icizere ko zokwimurirwa muri ivyo bihugu.

Abatari kuri urwo rutonde nka Mireille avuga "kubera ko ubuhungiro bwa mbere buzoba bwanse, nzobandanya urugendo nigire imbere, ndondere ahandi bashobora kunyugamika imvura."

Mu kwezi kwa gatatu, reta ya Kenya yari yatanze ikiringo ntarengwa c'imisi 14 ngo izo kambi zibiri zirimwo impunzi nyinshi cane kurusha ahandi muri Afrika ngo zizobe zugaye, ivuga ko ari ku mpamvu z'umutekano.

Sentare nkuru ya Kenya yaje guhagarika iyo ngingo ya reta vy'agateganyo.

Inyuma y'umubonano umushikiranganji wa Kenya ajejwe umutekano mu gihugu Fred Matiang'i yagiranye n'umukuru w'ishami rya Onu rifasha impunzi kw'isi, Filippo Grandi mu mpera z'ukwezi kwa kane, yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko umugambi wo gutahukana izo mpunzi uzotangura itariki zitanu z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka wa 2022.

Impunzi zo muri afrika yo mu buseruko zikaba zizohitamwo guhunguka canke gusaba uburenganzira bwo gukora muri Kenya kugira zishobore kuba aho zishaka.

Ikambi za Kakuma na Dadaab mu buseruko bwa Kenya zibarizwamwo impunzi zirenga 400.000.